'Ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Gaza bishobora guhagarara' - Abategetsi ba Palestine

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Gaza correspondent
- Yakoze inkuru ari, Cairo
Ibiganiro hagati ya Israel na Hamas muri Qatar ku masezerano yo guhagarika intambara mashasha n'irekurwa ry'abagizwe ingwati bisa n'ibigira bihagarare, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Palestine bazi neza ido n'ido ry'ivyo biganiro.
Umwe mu bategetsi bakuru yabwiye BBC ko Israel "yashatse kwiha umwanya" mu gihe umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yagira urugendo i Washington muri iyi ndwi, mu gushaka gutevya ivyo biganiro n'ibigirankana mu kurungika intuma i Doha zidafise ubushobozi bwo gufata ingingo ku bibazo bikomeye.
Harimwo gukura ingabo za Israel muri Gaza hamwe n'itangwa ry'imfashanyo.
Imbere y'uko ava muri Amerika ku musi wa Kane, Netanyahu yagumye yemeza ko hari icizere, avuga ko yizeye gushika ku masezera yose " mu misi mike".
Yavuze ko ivyo basavye muri ayo masezerano ari uko Hamas yorekura igice c'abagizwe ingwati 20 basigaye n'igice c'ibiziga vy'abarenga 30 bapfuye mu kiringo c'imisi 60 ako gahengwe komara.
Ku w'Imana uheze, intumwa za Israel na Hamas ziri mu biganiro , zaragize ivyo biganiro incuro umunani ariko atari imbona nkubone, mu nyubakwa zitandukanye i Doha.
Umuhuza muri ivyo biganiro ni umushikiranganji wa mbere wa Qatar, Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani , hamwe n'umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru mw'igendereza rya Misri, hamwe n'intumwa ya Amerika Brett MacGurk.
Abahuza bagiye bakuranwa mu gutanga ubutumwa bwo ku munwa no mu nyandiko hagati y'intumwa za Hamas na Israel, zirimwo iza gisirikare, umutekano na politike.
Ariko ku musi wa gatanu mw'ijoro, abategetsi ba Palestine bamenyereye ivyerekeye ibiganiro babwiye BBC ko vyimirije guhagarara, kubera izo mpande zibiri zifise ibintu vyinshi zidahurizako na gato.
Bavuze ko ibiherutse kuganirwako vyibanze ahanini kuri bibiri muri ivyo bintu: Uburyo bwo gutanga imfashanyo mu karere ka Gaza hamwe no kuvanayo abasirikare ba Israel.
Hamas yasavye ishimitse ko imfashanyo zinjira muri Gaza kandi zigatangwa n'amashami ya Onu hamwe n'amashirahamwe atanga imfashanyo mpuzamakungu.
Israel ku rundi ruhande, isaba ko iyo mfashanyo itangwa icishijwe mw'ishirahamwe ritavugwako rumwe na bose rishigikiwe na Israel hamwe na Amerika, Gaza Humanitarian Foundation (GHF).
Inkuru zitangwa n'abahuza muri ivyo biganiro, n'uko ngo bimaze gutera intambwe nto cane kuri ivyo bibazo batumvikanako, ariko ko ata masezerano arashikwako.

Ahavuye isanamu, EPA
Ikindi kibazo ca kabiri gikomeye cerekeye ivanwa ry'abasirikare ba Israel muri Gaza.
Mu biganiro bigira gatanu, bivugwa ko abaserukiye Israel bahaye abahuza ubutumwa bwanditse buvuga ko Israel izogumiza abasirikare bake "mu karere ata n'umwe agenzura" hagati muri Gaza gafise uburebure buri hagati ya 1km na 1.5km.
Nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Palestine bitavye ivyo biganiro n'imiburiburi incuro 2, Hamas yoba ibona ubwo butumwa nk'intango yo gushobora gushika ku mwumvikano.
Ariko, Hamas ibonye ikarata yerekana uturere Israel ivuga ko yovamwo, basanze itandukanye n'ubwo butumwa bari baronse, yerekana ibirindiro biri imbere cane muri Gaza. Bivugwa ko iyo karata yerekana uturere tutarangwamwo abantu Israel yogumamwo twinjira ku birometero bishika 3 hamwe hamwe, bikerekana ko ico gihugu gishaka kuguma mu turere twinshi twa Gaza.
Utwo turere turimwo igisagara cose co mu bumanuko ca Rafah, ibice 85% vy'ikigwati ca Khuzaa mu buseruko bwa Khan Younis, ibice vy'ibisagara vyo mu buraruko vya Lahia na Beit Hanoun, hamwe n'imicungararo y'igisagara ca Gaza, nka Tuffah, Shejaiya na Zeitoun.

Abategetsi ba Hamas babonye iyo karata nk'amayeri ya Israel, agabanya icizere hagati y'izo mpande zibiri.
Abategetsi ba Palestine bagiriza intumwa za Israel gutevya n'ibigirankana ivyo biganiro, mu gufasha umushikiranganji wa mbere wa Israel guserukana ijunja n'ijambo mu rugendo aherutsemwo i Washington.
"Ntibigeze bashiramwo ugushaka muri ibi biganiro," uko ni ko umutegetsi umwe wo mu rwego rwo hejuru wa Palestine yabwiye BBC. "Bariko barakoresha ibi biganiro mu kwiha umwanya no kwerekana isura y'uko biriko biratera imbere."
Uwo mutegetsi kandi yemeza ko Israel iriko irabandanya umugambi wayo w'igihe kirekire wo gutuma abantu bata izabo winyegeje inyuma yo gutanga imfashanyo.
Yavuze ko umugambi w'umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Katz, wo kwimurira abanye Palestine mu "gisagara baronkeramwo imfashanyo" i Rafah uri mu twigoro twinshi two kwimura abantu ubutakigaruka.
Uwo mutegetsi yagize ati:"Intumbero yo kurunda abantu iruhande y'urubibe rwa Misri, n'uguca inzira yo kubirukana babacishije i Rafah bakajabukira mu Misri canke babacishije mw'ibahari."
Ku musi wa mbere, Katz yabwiye abamenyeshamakuru bo muri Israel ko yategetse igisirikare gutegura umugambi wo gushinga ikambi nshasha i Rafah, mu ntango ishobora kwakira abanye Palestine bashika 600.000 - eka mbere n'abanya Palestine bose bashika ku miriyoni 2.1
Muri uyu mugambi, abanya Palestine bazongenzurwa cane n'ingabo za Israel imbere yo kubemerera kuhinjira kandi ntibazosubira kubemerera kuhava.
Abanebagura uwo mugambi, baba abo mu gihugu hagati canke mpuzamakungu, bariwiyamiriza, aho imigwi iharanira agateka ka zina muntu, abigisha ba kaminuza n'abanyamategeko bavuga ko ari "nk'ikambi yo kwegeranizamwo abantu".

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe ivyo biganiro biri mu gihirahiro, uruhande rwa Palestine rutera akamo Amerika gushira inguvu n'igitsure kuri Israel kugira hagire ivyo irekura bigaragara.
Ivyo bitabaye, abahuza baragabisha ko ibiganiro vya Doha bishobora guhagarara burundu.
Ibi rero bishobora gutera ingorane gusumba utwigoro tw'akarere two gushika ku gahengwe k'igihe kirekire no kwirinda akaga gakomeye i Gaza.
Abari mu biganiro i Doha bavuga ko hakiri akaryo ko gushika ku mwumvikano, ariko uko ibintu bimeze ubu biracagoyagoya.
"Ibi biganiro biri kuri hange," ni ko umwe mu bategetsi b'akarere yavuze."Hatagize igihinduka kandi vyihuta, dushobora kunanirwa."
Igisirikare ca Israel catanguye ibitero vyaco i Gaza mu kwihora ku bitero vya Hamas mu bumanuko bw'ico gihugu vyo kw'itariki 7 ukwezi kwa Gitugutu(10) mu 2023, aho abantu 1200 bishwe, abandi bagirwa ingwati.
Kuva ico gihe, abantu boba bashika 57.823 baramaze kwicwa i Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.













