Ronaldo yasavye umuhagarikizi gufuta penaliti yari amuhaye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Cristiano Ronaldo azwi ko ari umukinyi yama arondera kwinjiza ibitsindo, ariko ivyaraye bibaye nijoro ku wa mbere biratangaje, aho uno musatirizi wa Al-Nassr yumvishije umugaharikizi ko yofuta penaliti yari aronse ku caboneka ko ryari ikosa yari akorewe.
Uno mukinyi w’imyaka 38 yaguye hasi ku munota wa kabiri ahenuwe mu rukino rwahuje umurwi wiwe n’umurwi Persepolis wo muri Irani mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Aziya.
Ariko igihe umuhagarikizi w’Umushinwa Ma Ning yari amuhaye penaliti, Ronaldo yarayanse, ahubwo aca asaba ko ifutwa.
Ning yaciye arungikwa kuraba amashusho ya videwo yerekana ingene ibintu vyagenze, ikizwi nka VAR, bikaba vyarangiye ahinduye ingingo.
Ubushingantahe bwa Ronaldo hamwe n’aya mashusho ya videwo vyakijije Persepolis.
Urukino rwagiye kurangira ata murwi n’umwe winjije igitsindo, mu gihe Al Nassr yarangije ifise abakinyi cumi mu kibuga, inyuma y’aho umukinyi wayo Ali Lajami aherewe ikarata itukura ku munota wa 17, agaca ava mu kibuga.
Al-Nassr yari yamaze kuronka uburenganzira bwo kwinjira mu gice gikurikira co gukuranamwo, imbere y’uru rukino rwabereye i Riyadh (umugwa mukuru wa Arabia Sawudite).
Al-Nassr yo mw’ihiganwa rya Arabia Sawudite, Saudi Pro League, ni yo iri kw’isonga ry’umurwi E n’amanota 13 mu nkino zitanu, imbere ya Persepolis iza ubwa kabiri.










