Uburusiya bwahagaritse umurwi wa ONU uhagarariye ibihano vyafatiwe Korea ya Ruguru

Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya bwahagaritse umurwi w’abahinga ba ONU bari bamaze imyaka bakurikirana ishirwa mu ngiro ry’ibihano vyafatiwe Korea ya Ruguru.
Mu ndwi iheze, uno murwi wari wavuze ko wariko utohoza amakuru avuga ko Uburusiya buhonyanga ibi bihano mu kugura ibirwanisho muri Korea ya Ruguru, nk’ibisasu vya misire biraswa kure kugira kubikoreshe muri Ukraine.
Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yafatiye ibihano Korea ya Ruguru kuva mu 2006 kubera umugambi wayo wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Ibi bihano ntibirafutwa – ariko uno murwi w’abahinga washinzwe kugira ubikurikirane ubu ugiye gufutwa.
Mu matora yabaye ku wa kane, Uburusiya bwakoresheje uburenganzira buhabwa na veto (ububasha bwo guhagarika ingingo) nk’umunywanyi ntayegayezwa mu nama Nkuru y’Umutekano kw’isi, mu kuzibira ingingo yo kwongerereza uno murwi ikiringo, mu gihe ibindi bihugu 13 kuri 14 vyayemeje. Ubushinwa, incuti ya hafi ya Korea ya Ruguru, bwarifashe.
Iyi ngingo y’Uburusiya yo kuzibira iki cemezo yiyamirijwe bikomeye n’ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Korea y’Epfo hamwe n’ibindi bihugu vy’Uburengero, kandi ije inyuma y’umwaka wose waranzwe n’imibonano yo ku rwego rwo hejuru hagati y’abategetsi b’Uburusiya na Korea ya Ruguru.
Ubu ni bwo bwa mbere Uburusiya buzibiye uno murwi umaze imyaka 14 wongerwa ikiringo n’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi buri mwaka.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba avuga ko iyi ngingo y’Uburusiya ari icemezo kigaragara ko bukoresha ibirwanisho vya Korea ya Ruguru mu ntambara yabwo.
Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa vyose vyabwiye Inama nkuru ya ONU ijewe umutekano kw’isi ko Uburusiya buzibije uno murwi w’abahinga kubera wari watanguye gutanga ivyegeranyo ku kungene Uburusiya buriko burahonyanga ibi bihano, cane cane mu kugura ibirwanisho muri Korea y’Epfo bukoresha ku rubuga rw’intambara muri Ukraine.
Hagati aho, uwuserukira Korea y’Epfo muri ONU aranegura ingendo y’Uburusiya yo “kwikunda” kandi ko ata nsiguro bufise yo “gusambura uno murwi” uhagarariye ibi bihano.
Hwang Joon-kook ati: "Ibi bisa n’ugusambura kamera ya CCTV kugira ngo ntufatwe mpiri”.
Uburusiya bubandanya buhakana ko ata birwanisho vya Korea ya Ruguru bukoresha mbere n’umuserukizi wabwo muri ONU yasubiye kubihakana ku wa kane.
Vasily Nebenzia avuga kandi ko uno murwi w’abahinga ata karusho wazanye.
"Uno murwi wabandanije witaho ibintu ataco bimaze bidafitaniye isano n’ingorane zihanze kariya karere ka Korea”, niko Nebenzia avuga, akongerako ko ibi bihano vyabaye “umuzigo uremereye” ku banyagihugu ba Korea ya Ruguru.
Kuva mu 2019, Uburusiya n’Ubushinwa bibandanya birondera kwumvisha Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ko yotezura ibi bihano.
Iyi Nama nkuru y’Umutekano yatanguye gufatira ibihano Korea ya Ruguru mu 2006 inyuma y’aho igeragereje ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, kandi kuva ico gihe imaze gufata ivyemezo cumi kubera Korea ya Ruguru yabandanije igerageza n’ibindi.
Hagati aho, ubutegetsi bwa Kim Jong Un bwarihojeje cane ibi bihano – nubwo vyagize ingaruka ku butunzi. Yabandanije ahingura, ku muvuduko munini, ibirwanisho ruhonyandanga vy’ubumara akomeza n’igisirikare ku buryo buteye ubwoba.
Aba bahinga ba ONU bavuga ko Korea ya Ruguru yabandanije ihonyanga ibi bihano mu kwongereza ibikorwa vy’igerageza ry’ibisasu vya misire no guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara. Ubutegetsi bwa Korea ya Ruguru bwararungitse mu kirere ikigendajuru maneko – kivugwa ko cahinguwe ku buhinga bwatanzwe n’Uburusiya.
Mu guhonyanga ibi bihano nyene, Korea ya Ruguru yabandanije igurira hanze igitoro kandi irungika n’abakozi hanze, mbere uno murwi w’abahinga ba ONU ukaba uherutse gusohora icegeranyo cerekana ido n’ido ry’ibitero nyabwonko vy’iki gihugu.










