Kenya: Nibura umunani barishwe, amajana barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza Ruto

Abantu nibura umunani baraye bishwe abandi 400 barakomereka ejo ku wa gatatu igihe ibihumbi n'ibihumbi biha amabarabara mu gihugu cose mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Perezida William Ruto.
Igipolisi ciriwe gihanganye n'abari muri iyi myiyerekano ku mugwa mukuru Nairobi no mu bindi bisagara inyuma y'umwaka umwe wari urangiye neza na neza habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza reta yiwe mu 2024.
Benshi mu bari muri yo bagenda baririmba ngo "Ruto must go" (ni ukuvuga "Ruto ategerezwa kuvaho"), bafise n'amabendera ya Kenya, ndetse n'amashami nk'ikimenyetso co kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe mu mahoro.
Reta yarabujije imboneshakure n'amaradiyo gutangaza ikibiriraho iyi myiyerekano, mbere bimwe birugarirwa imirongo, ariko iri tegeko bwirizwa ryayo ryahavuye rifutwa na Sentare Ntahinyuzwa ku mugwa mukuru, Nairobi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikindi gituma abanyaguhugu baja mw'ibarabara ni uko Kenya yashegeshwe n'ibikorwa vy'inyuruzwa ry'abantu kuva imyiyerekano y'abakiri bato, bazwi nka Gen Z, itanguye, yandurutse ku nteguro y'itegeko rya leta ryo kuduza amakori, hari kuwa 25 Ruheshi (6) mu 2024.
Abarenga 80 baranyurujwe hagati ya Ruheshi umwaka uheze na Nzero (1) uyu mwaka.
Abategetsi ntibaratanga ibiharuro nyavyo vy'abapfuye canke bakomerekeye muri iyi myiyerekano y'ejo ku wa gatatu, ariko amashirahamwe Kenya Medical Association (ishirahamwe ry'abaganga), Law Society of Kenya (ishirahamwe ry'abanyamategeko) hamwe na Police Reforms Working Group, yasohoye itangazo rusangi avuga ko nibura abantu umunani ari bo bishwe.
Muri aba 400 bakomeretse, 83 barasinzikaye cane, umunani bakaba bari bafise ibikomere vy'amasasu. Iri tangazo ryongerako ko muri aba bakomeretse batatu muri bo aria abapolisi.
Ishirahamwe rimwe riharanira agateka ka muntu - Amnesty Kenya – ryoryo rivuga ko abapfuye bashika 16.
Kugeza mu masaha yitereye abapolisi bari bagitera imyuka irakira ku bari muri iyi myiyerekano mu bibanza bimwe bimwe vya reta bikomakomeye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugore yaburiye umugabo wiwe mu gasho ka polisi ashigikiye imyiyerekano
Umugore asigwa na Albert Ojwang yapfuye aguye mu gasho mu ntango z'uku kwezi, avuga ko atahura cane abo bantu biriwe mu myiyerekano, barondera ubutungane ku bishwe bazira imyiyerekano mu mwaka uheze.
Abaganga basuzumye ikiziga c'umugabo wa Nevnina Onyango, Albert Ojwang, bavuga ko yazize ibikomere yatewe, mu gihe igipolisi cari cavuze ko ari we yiyishe yikubise ku ruhome.
Umupfasoni Onyango yabwiye BBC ko iyo myiyerekano ari nkenegwa kugira ngo abantu bashobora gushira hamwe ivyiyumviro vyabo, kandi ko bagiye mu mabarabara ibintu bishobora guhinduka.
Igipolisi cabandanije gihangana n'abari mu myiyerekano, gikoresheje imyuka irakira no kubamija amazi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uyu mupfakazi yagize ati "ntibigera biga" (polisi).
"N'ubwo abanya Kenya bogerageza gukora imyiyerekano mu mahoro, (igipolisi) kiraronka akaryo ko kubarwanya. Ese iyo bafasha abantu kwiyerekana mu mahoro aho kuja kubarwanya".
Abapolisi 3 baheruka kwagirwa n'icaha co kwica bwana Ojwang, umwigisha yari azwi nk'uharanira gushikiriza ivyiyumviro abicishije ku mbuga hwaniro.
Umupfasoni Onyango yavuze ko yifuza kumenya vyinshi ku ruhara icegera c'umukuru w'igipolisi Eliud Lagat, yoba yaragize mu rupfu rw'umugabo wiwe, Albert Ojwang, bivugwa ko ariwe yategetse ko afatwa agatabwa mu mvuto kubera ivyo yari yanditse ku mbuga hwaniro amunegura.
Yaciye atanga imihoho mu gihe hagikorwa amatohoza.
'Nta kindi gihugu dufise, ntitwisamburireko'- Ruto

Ahavuye isanamu, Perezidanse ya Kenya/ X
Perezida William Ruto yateye akamo abari mu myiyerekano kutabangamira amahoro n'umutekano, mu gihe ikirwi ca bamwe mu bari muri yo bariko bagerageza gusatira ikirimba ciwe ariko igipolisi kikabasubiza inyuma.
Yagize ati: "Imyiyerekano ntikwiye kuba iyo guhungabanya amahoro muri Kenya. Nta kindi gihugu dufise tuzojamwo ari nka hamwe ibintu vyokwononekara. Ni inshingano zacu gukingira igihugu cacu".
Yashikirije aya majambo mu birori vyo gushingura yari yitavye mmu ntara ya Kilifi.
Amashure n'ibikorwa vy'ubucuruzi vyiriwe vyugaye kubera ubwoba.
Perezida Ruto yashize bamwe mu bo batavuga rumwe muri leta, mu nzira yo gukomeza ubutegetsi bwiwe.
Ariko benshi mu banya Kenya ntibabibona neza, nk'uko biri mu cigwa giherutse gukorwa.
Mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, perezida yakuye hafi leta yiwe yose, mu ntumbero yo kurangiza iyo myiyerekano y'abamwiyamiriza.
Yatangaje umugambi wiwe wo gusaranganya ubutegetsi, aha ibibanza abantu bane bo ku ruhande rw'abatavuga rumwe rw'umunya politike Raila Odinga, birimwo ubushikiranganji bw'ikigega ca leta n'amasoko ntanganguvu.
Mu kw'icumi na kabiri, yagiranye inama giturumbuka na mukeba wiwe Uhuru Kenyatta, yari yashigikiye Odinga mu matora ya 2022, Ruto akabatsinda.
Ruto yafashe ingingo yo gukorana na bakeba biwe mu ntumbero kugarura ubumwe muri reta.
Ariko ubutegetsi bwiwe bwongeye kubangamirwa igihe yari atagicana uwaka n'icegera ciwe Rigathi Gachagua, ivyatumye haba amatora mu nama nshingamateka yo kumubogoza muri Gitugutu (10).
Abegamiye impande zompi babandanije guterana amajambo ku mugaragaro.
Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko Ruto mu kwiyegereza abo batavuga rumwe ashaka kwigarurako icizere mu banyagihugu, cane cane mu karere ko hagati na hagati mu gihugu aho Gachagua akomoka.










