Ubwa mbere mu myaka irenga ijana, Ukraine yahimbaje Noweli ku wa 25 Kigarama

Abasirikare

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba ukraine bariko bitegura guhimbaza Noweli hanze ya Kupiansk, akarere ingabo z'Uburusiya ziherutse guteramwo intambwe
    • Umwanditsi, Na Nadia Ragozhina
    • Igikorwa, BBC News

Abakristu benshi b’aba-Orthodox ba Ukraine uno mwaka bariko barahimbaza Noweli kuri uno wa 25 Kigarama, ubwa mbere kuva muri kahise kayo.

Kuva muri kahise, Ukraine yamye ikurikiza ikirangamisi kizwi nka Julian (calendrier Julien/Julian calendar), gisanzwe gikoreshwa mu Burusiya, aho Noweli ihimbazwa ku wa 7 Nzero (1).

Mu yindi ntambwe yo kuvavanura n’Uburusiya, Ukraine iriko ihimbaza Noweli hakurikijwe ikirangamisi c’uburengero – canke ca Gregori (calendrier grégorien/Gregorian calendar), ari naco gikoreshwa mu buzima bwa misi yose.

Abakristu ba Orthodox bari mu misa y'ijoro rya Noweli kw'isengero St Michael's Golden-Domed Monastery i Kyiv

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abakristu ba Orthodox bari mu misa y'ijoro rya Noweli kw'isengero St Michael's Golden-Domed Monastery i Kyiv

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yahinduye iri tegeko muri Mukakaro (7), avuga ko ryahaye akaryo abanya-Ukraine "kwitandukanya n’umurage w’Uburusiya" wo guhimbaza Noweli mu kwa mbere.

Mu butumwa bwa Noweli yatanze nijoro ku wa Mungu, Zelensky yavuze ko abanya-Ukraine ubu bunze urunani.

Ati: "Ubu twese duhimbariza hamwe Noweli. Kw’itariki imwe, nk’umuryango umwe wagutse, nk’igihugu kimwe cunze urunani”.

Ku mugwa mukuru Kyiv, Lesia Shestakova, umukatolika yubakanye n’umu-Orthodox Oleksandr Shestakov bariko bahimbariza Noweli hamwe.

Ejo ku wa Mungu, uno muryango wasengeye mw’isengero rimwe rya Katolika, mu gihe bahora bahimbaza Noweli kabiri, mu miryango y’umwe umwe wese.

Lesia yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: "Ubu rero dufise umusi umwe muri Ukraine aho umugabo wanje nanje dushobora kujana mw’isengero tugashimira Imana ko turi kumwe, tukiri bazima kandi tumerewe neza”.

Imbere mw'isengero rya St Alexander

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imbere mw'isengero rya St Alexander

tukiri bazima kandi tumerewe neza”.

Ishengero rya Orthodox rya Ukraine (Orthodox Church of Ukraine, OCU), ishengero rishasha ryigenga rikaba ryasomye ubwa mbere imisa mu 2019, ryarahinduye itariki yaryo ya Noweli riyishira ku wa 25 Kigarama.

Ryiyonkoye ku mugaragaro kuri Orthodox y’Uburusiya inyuma y’aho bwigaruriye akarere ka Crimée/Crimea mu 2014 bukongera bugashigikira inyeshamba zo mu buseruko bwa Ukraine zirondera kwiyonkora.

Ejo ku wa Mungu, abanyagihugu bacanye ababuji (bougies) mu gihugu cose.

Mu gisagara ca Lviv kiri mu burengero, kikaba kitasinzikajwe n’intambara, abana bambaye umwambaro kama barirmvye indirimbo za Noweli bongera baja no mu ngendo zo guhimbaza mu mabarabara.

Abana bambaye umwambaro kama barirmba indirimbo za Noweli mu birori vyo guhimbaza Noel i Lviv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abana bambaye umwambaro kama barirmba indirimbo za Noweli mu birori vyo guhimbaza Noel i Lviv

Ukraine irashariza Igiti ca Noweli (sapin de Noël/Christmas tree) kiri hafi y’ikibanza c’ukwikukira i Kyiv.

Muri ino myaka iheze, abanyagihugu benshi barifatanije na OCU ariko amamiriyoni menshi aracakurikiza ishami rya Orthodox rya Ukraine rikigendera ku Burusiya (Ukrainian Orthodox Church, UOC), rero aba bakazobandanya bahimbaza Noweli ku wa 7 z’ukwa mbere.

UOC ivuga ko mu 2022 yitandukanije n’Uburusiya kubera intambara bwatanguje kuri Ukraine n’ubwo abatari bake bagifise amadidane.

Ibi vyumvikana rero ko hatazobura abanya-Ukraine bakeya bahimbaza Noweli kabiri.