Umugore wo muri Amerika yapfunguwe inyuma y'imyaka 43 ku rupfu rw'umuntu atishe

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Tom McArthur
- Igikorwa, BBC News
Umugore yamaze imyaka 43 mu munyororo kubera urupfu rw'umuntu atishe yararekuwe inyuma y'aho urubanza yaciriwe rusubiriwemwo rukagwirizwa n'ubusa.
Sandra Hemme yari afise imyaka 20 igihe yagirwa n'icaha co gucumita imbugita umukozi wo mu nzu basomeramwo ibitabo Patricia Jeschke w'i St. Joseph muri Missouri, mu kwezi kwa Munyonyo(11) mu 1980. Yakatiwe gupfungwa ubuzima bwose.
Nta vyemezo vyagaragaza ko yakoze ico caha co kwica uretse ivyo yavuze ari ku miti itururuza cane mu bitaro vy'abarwaye indwara zo mu mutwe, nk'uko vyagaragaye dosiye yiwe isubiye kihwezwa.
Ubu uwo afise imyaka 64 niwe vyibazwa ko ari we mugore yamaze igihe ca mbere kirekire muri kahise ka Amerika apfunzwe yagiriwe n'icaha atakoze nk'uko abamwunganira bavuga.

Ahavuye isanamu, Innocence Project
Umugwi w'abamwunganira mu mategeko muri Innocence Project (umugambi w'uwuhorwa ubusa) bashimye cane kubona Hemme aho vyabareye yongeye gusubira mu muryango wiwe, kandi bazobandanya urugamba rw'uko izina ryiwe ryezwa.
N'ubwo ubu atagipfunzwe, dosiye yiwe irabandanya kwihwezwa.
Ingingo iri ku mpapuro 118 y'umucamanza Ryan Horman yatesheje agaciro urubanza rwakatiwe Hemme yashikirijwe ku wa 14 Ruheshi(6).
Yavuze ko abashingwamanza ba Hemme bari bafise ivyemezo bigaragara ko ata caha yakoze, ivyemezo bitahawe abamwunganira ico gihe.
''Iyi sentare yasanze ivyemezo vyose bishigikira ko uwo muntu yazize ubusa,'' niko umucamanza Horsman yanzuye.
Isubiranwo ry'urwo rubanza ryasanze igiporisi carirengagije ivyemezo vyaganisha ku ruhara rw'umwe mu bo bakorana - Michael Holman- mu nyuma yahavuye apfungwa ku kindi caha hanyuma agapfira mw'ibohero mu 2015.
Ikamyo ya Holman yarabonywe muri aka karere igihe uwo muntu yicwa, ariko icitwazo co kwiregura [yatanze] nticajanishijwe n'ibindi vyemezo, hanyuma akoresha ikarata ya banki ya Jeschke inyuma yo kuvuga ko yayitoye mu mugazo.
Amahereni y'inzahabu yamenywe na se wa Jeschke ko yari ayiwe nayo yaratowe mu nzu ya Holman.
Nta na kimwe muri ivyo vyahishuriwe abunganira Hemme ico gihe nk'uko isubiramwo ry'urubanza ryabivuze.
Hemme yarasambishijwe n'igiporisi kenshi ari ku miti y'abarwaye indwara zo mu mutwe inyuma yo kujanwa mu bitaro vy'abarwaye mu mutwe kandi atabishaka. Yari asanzwe afata rimwe rimwe imiti y'indwara zo mu mutwe kuva afise imyaka 12.
Inyishu ziwe zaba zigizwe ''n'utujambo tugufitugufi'' kandi ''ntiyari azi neza ivyariko biraba'', nk'uko inyandiko zo muri sentare zivyerekana, kandi rimwe na rimwe vyaramugora no kwicara aneze umutwe akongera agakongatara umubiri -ingaruka z'imiti yariko.
Isubiramwo ry'urubanza ryakozwe n'umucamanza Horsman ryerekanye ko ata bimenyetso vy'amatohoza y'icaha vyerekana ko uwo mugore ari we yari yishe uwo muntu. Nta mvo yo kubikora yariho kandi nta vyabona vyaje kumwagiriza urwo rupfu.
Sandra Hemme amaherezo yarekuwe ku wa gatanu ubu akaba azobana n'umugore bavukana.
Amaze kurekurwa yaciye asanganirwa n'umuryango mu kibanza co gusamiramwo akayaga (parc) kiri hafi, aho yahobereye uwo bavukana, umukobwa n'umwuzukuru biwe.
Se we yari mu bitaro.
Umwe mu bashingwamanza bamwunganira yavuze ko azoguma akeneye gufashwa kuko yamaze igihe kinini c'ubuzima bwiwe mu munyororo akaba atari mu bashobora gufashwa n'ibigo biziganiriza kazoza.













