Trump yarahiye yizeza abantu ivyiza biri imbere

Ifoto y'abagabo 2 baboneka mu maso
Insiguro y'isanamu, Trump ari kumwe na Biden yakoreye mu ngata

Donald Trump yarahiye nka perezida wa 47 wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho mw'ijambo yashikirije yavuze ko ibihe vyiza vy'amahirwe (golden age) kuri Amerika bitanguye.

Yavuze ko igihugu kigiye gutemba itoto no kwubahwa mu gihe c'uburongozi bwiwe nk' "umutegetsi w'umunyamahoro akaba n'umuhuza".

Trump yavuze amajambo akomeye kandi anegura ubutegetsi bwa Biden n'ingene bwitwaye mu kibazo c'abimukira, aho yavuze ko muri kino gihe igihugu gifise ikibazo co gutakaza icizere kuri leta.

Yakomoje ku ruhome rwa Mexico yari yiyemeje kwubaka akija ku butegetsi muri 2016 ariko ntabishikeko, n'amatora yo mu 2020 yavuze ko yibwe.

Yavuze ko ikibazo c'urwo rubibe yarangije ikiringo ciwe cari catorewe inyishu, ariko ahavuye ibintu bigasubira inyuma.

Ngo kuri leta yiwe bubatse uruhome rwa kirometero 321 (200 miles) ariko 'ntirwagira ico rukoreshwa'.

Yavuze ko ariyo mpamvu kino gihe azokwibanda kuri ico kibazo c'abimukira, kurusha iduga ry'ibiciro, ati kuko giteye umwitwarariko 'hari abantu nzi giteye umwitwarariko'.

Ku matora naho yavuze ko igihe yatsinda ubwa mbere, yari yarushije amajwi arenga miliyoni icenda abo bahiganwa, ivyo yemeza ko vyari 'akatari bwaboneke'.

Ati "Ubu hoho yari menshi ku buryo bitanashoboka kuyiba" yongerako ko -adatanze ivyemezo- 'babigerageje'.

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yivuze nk'umutegetsi 'w'umunyamahoro n'umuhuza'

Abagwizatunga bakomeye, hamwe n'abagenywe kuja muri leta ndetse n'abahora ari abakuru b'igihugu, bose bari bitavye urubanza rwo kwimikwa kwa Trump ku ngoro ya Capitol.

Igihe gito imbere y'uko Trump arahira, Joe Biden yatanze itegeko ribabarira bamwe mu bakekwa ko bari gushobora gukorwako amatohoza Trump amaze gushikira ubutegetsi.

Joe Biden yavuye Washington DC, kimwe n'icegera ciwe Kamala Harris

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joe Biden arangije igihe, yavuye Washington DC n'umutambukanyi wiwe Jill baca berekeza California

'Ni ubutumwa bukomeye ku makungu' - umwihwezo wa Paul Adams

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ijambo yashikirije akimara kwimikwa, uretse ko Donald Trump yavuze ko yifuza kuba 'umutegetsi w'umunyamahoro akaba n'umuhuza', yakurikije ko amajambo yibutsa umwumvikano w'agahengwe waraye utanguye mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Ariko kuri benshi bamwumvise, iri ryari ijambo ritoroshe, ryibutsa ububasha bwa Amerika n'uko ishobora kubwongera muri kazoza, ndetse n'ibimenyerewe kuri we vyo 'kugabisha uwo wese ashobora kuyitambika imbere'.

Trump yise umuhora wo mu mazi wa Panama (Panama Canal) "impano y'ubusazi" yeguriwe Panama yongera guhiga ko 'azogira ico abikozeko'.

Ati: "Buca tuyisubiza," niko yagabishije.

Ikigobe ca Mexico, yavuze ko mu gihe kiri imbere kizoba kizwi nk'ikigobe ca Amerika.

Harimwo amajambo umengo asa n'ayumvikanisha ko ku butegetsi bwiwe, Amerika izoba igihugu "ciyagurira imbibe", n'ubwo yaciye ayakwirikiza vuba n'ayandi avuga ku muhigo wa Amerika wo gushinga ibendera ku mubumbe wa Mars.

Hirya yiwe gato aho yari, Elon Musk yakiranye ico gice c'ijambo rya Trump n'agatwengo kerekana irya muzitsa.

Trump yongeye gusubiramwo ivyo akunze gukangishanya ko azohasha imigwi y'inkozi z'ibibi iri mu rudandazwa rw'ibiyayuramutwe ko izofatwa nk'imigwi y'iterabwoba y'abanyamahanga.

Ico atasize inyuma, ni ukuduza amakori ku bijanye n'ibidandazwa biva mu makungu.

Ati: "Tuzoshira amatagisi n'amakori ku bihugu vy'amahanga kugira tugwize ubutunzi ku banyagihugu bacu".

Ingene ibi vyose biheza bigahura n'ico yemera atagukekeranya ko 'rigiye kwaka' (ejo ari heza) kw'isi yose, n'ukubitega amaso.