Umukuru w'urudandazwa rw'imibonano mpuzabitsina i Dubai ari mu minwe y'igiporisi inyuma y'amatohoza ya BBC

- Umwanditsi, Runako Celina
- Igikorwa, Igisata c'amatohoza BBC Eye
Muragabe: Iyi nkuru irimwo ibishobora guhungabanya abasomyi bamwe bamwe n'amajambo yeruye avuga ibikorwa vy'ubusambanyi.
BBC yamenye ko umukuru w'urudandazwa rw'imibonano mpuzabitsina itesha agaciro yikitse mu kiza mu gukoresha abagore b'intege nke mu bice bikize vya Dubai ari mu minwe y'igiporisi muri Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu (United Arab Emirates, UAE).
Charles "Abbey" Mwesigwa,yamenyekanyemu matohoza ya vuba ya BBC nk'uwurongoye urwo rufatangane, yafashwe video ariko abwira umunyamakuru yakora yiyoberanije ko yashobora kumuha abagore bo kujana mu biteramo vy'imibonano mpuzabitsina ku giciro gihera ku gihumbi c'amadorari ($1.000).
Yanavuze ko abo bagore bashobora ''gukora hafi ikuntu cose'' abakiriya bashatse ko bakora avuga kandi ko yahora ari umushoferi wa bisi i Londres.
Ntibiramenyekana ivyaha - niba bihari - Mwesigwa yagirizwa muri UAE kandi abategetsi muri ico gihugu nta kintu baramenyesha ku mugaragaro ku bijanye n'iryo fatwa.
- Hanze y'Ubwongereza ushobora kuraba kuri YouTube
Ariko ikigo c'abashingwamanza c'i Dubai BBC yabajije cavuze ko gifise amakuru yemeza ko Mwesigwa ari mu minwe y'igiporisi mw'ibohero rikuru riri Awir muri Dubai.
Cavuze ko yari yasohorewe 'itangazo ritukura' na Interpol Uganda.
'Itangazo ritukura', canke 'red notice' mu Congereza, ni ubutumwa busaba igiporisi aho ariho hose kw'isi yose gupfunga umuntu mu kurindira ko arungikwa muri ico gihugu kiba cabisavye.
Ubuserukizi bwa Uganda ku murwa mukuruAbu Dhabi wa UAE mu minsi iheze bwari bwasohoye itangazo rivuga ko ''amatohoza ku rudandazwa rw'abantu arabandanya kandiabategetsi ba UAE hari ico bakoze''.
BBC yamenye ko iryo tangazo rijanye n'ipfungwa rya Mwesigwa.
Amatohoza ya BBC yarimwo intahe z'abagore bakiri bato b'abanya-Uganda bavuze ko bagiye Dubai muri UAE bemerewe akazi, ariko bisanga bafise amadeni bongera bahatirwa kuja mu kazi k'ubumaraya.
Hari abagorebavuze ko bari bazi ko bagiye i Dubai gukora nko mu maduka manini manini n'amahoteri. Akazi k'ubumaraya ntikemewe n'amategeko muri Dubai.
Nibura umwe mu bakiriya ba Mwesigwa akenshi yarasaba abo bagore kubitumako, ku bwa ''Mia'', twahinduye izina kugira dukingire umwidondoro wiwe, kandi akaba yavuze ko yaguye mu mutego w'urufatangane rwa Mwesigwa.
Mwesigwa yarahakanye ivyo avugwako muri ayo matohoza ya BBC. Yavuze ko yafasha abo bagore kuronka aho baba aciye kuri bene amazu, yongerako ko abagore bamukurikira mu biteramo kuko yari azinanye n'abantu batunze muri Dubai.
''Nakubwiye ko ndi umuntu akunda kuja mu biteramo ngatumira abantu basohora amafaranga cane tukicarana ku meza, gutyo abakobwa bagaca bahundara imeza yanje. Ivyo bituma menya abakobwa benshi, nta kindi,'' niko yavuze.
Ayo matohoza ya BBC yatoye kandi ko abagore babiri bafise aho bahuriye na Mwesigwa, Monic Karungi na Kayla Birungi, bapfuye bakorotse bava mu mazu y'igorofa ndende.

Ahavuye isanamu, Family handout
N'ubwo impfu zabo zavuzwe ko kwabaye ukwiyahura, imiryango n'abagenzi babo babona ko igiporisi cari kuba cakoze amatohoza gusumba ngaho.
Mwesigwa yavuze ko ivyashitse vyatohojwe n'igiporisi ca Dubai aca atubwira ko twokirondera kugira kiduhe amakuru. BBC yarabarondeye ariko ntaco bigeze bayishura.
Mu nama nshingamateka ya Uganda mu minsi iheze haravuzwe cane ibijanye n'ayo matohoza, aho abashikiranganji bavuze ko ''bibabaje'' hanyuma biyemeza gukorana na Interpol kugira ubutugane bukore.
Jack Burgess yatereye muri iyi nkuru.
- Hamwe womenya amakuru wokwongera kuri aya matohoza, turagusavye wandikire [email protected]
- Ibikenewe kumenya ku mashirahamwe atanga amakuru ku gufasha umuntu yahohotewe bishingiye ku gitsina canke yihebuye urayasanga kuri bbc.co.uk/actionline.













