'Nabazwe incuro 100 kandi sinzobihagarika' - Abby Wu

- Umwanditsi, Natalia Zuo
- Igikorwa, BBC Eye
Abby Wu yari afise imyaka 14 gusa igihe yabagwa ubwa mbere kugira yigire mwiza.
Amaze guhabwa imiti y'inkabuzo, ibiro vyiwe vyavuye kuri 42 bija ku biro 62 mu mezi abiri.
Izo mpinduka z'ibiro n'umwigisha wiwe wo gutamba yarazibonye.
Avuga ku kungene yariko yitegura gukora ibibazo mu bijanye n'udukino ico gihe, Abby, avuga ati: "Umwigisha wanje yambwiye ati 'Wari rurangiranwa ariko ubu wavyibushe cane. Hitamwo kubiheba canke kugabanya ibiro ningoga."
Nyina wa Abby yahavuye avyinjiramwo, amujana kwa muganga kugira ngo akuremwo ibinure mu nda no mu maguru hakoreshejwe ubuhinga buzwi nka liposuction.
Abby aribuka amajambo nyina wiwe yamubwiye igihe yari arindiriye mu kigo c'ubuvuzi yambaye impuzu y'ibitaro, afise ubwoba bw'uko yari agiye kubagwa.
"Ihangane gusa winjire. Uzoba mwiza niwava mu bitaro."
Ivyo kubagwa vyari biteye ubwoba cane. Abby yatewe gusa umuti wo kutumva ububabare, atari uwo gusinzirisa, rero akaba yagumye akanuye umwanya wose bariko baramubaga.
Avuga ati: "Narashobora kubona ibinure vyinshi bankura mu mubiri n'amaraso nariko ndava."

Ahavuye isanamu, Abby Wu
Abby ubu afise imyaka 35, yarabandanije kwibagisha incuro zirenga 100, ivyo bikaba vyatwaye uburyo bungana n'igice c'umuliyoni w'amadolari.
Uno mugore afise 'ivuriro ry'ubwiza' riri hagati mu gisagara ca Pékin/Beijing, kandi yabaye umwe mu bantu bazwi cane mu Bushinwa mu bijanye no kwibagisha mu kurondera ubwiza.
Ariko ivyo kubaga bifise ingaruka ku mubiri.
Yicaye imbere y'icirore mu nzu iwe i Pékin, yisize amavuta (concealer) anyegeza inkovu zaturutse ku guterwa inshinge zo kumwondesha mu maso - inshinge aterwa buri kwezi kugira ngo isura yiwe iboneke ko "imeze neza kandi itavyimvye" inyuma yo kwibagisha incuro zitatu zose agabanya amagufa y'imisaya ariko agasanga yaragabanijwe cane.
Ariko ashimika kuvuga ko aticuza ku bijanye n'ivyo kwibagisha kandi yizera ko nyina wiwe yafashe ingingo ibereye muri iyo myaka yose iheze.
"Ukwibagisha kwagenze neza. Nararushirije kwiyemera kandi ndahimbawe, uko bukeye uko bwije. Nibaza ko mama yampanuye neza."
Mu gihe kera vyahora bifatwa nk'ikizira, igikorwa co kubaga abantu barondera ubwiza cariyongereye cane mu myaka 20 iheze mu Bushinwa, bivuye kw'iduga ry'imishahara n'uguhindura 'imibereho', ahanini bikaba biterwa n'iterambere mw'ikoreshwa ry'imbuga hwaniro.
Buri mwaka, Abashinwa imiliyoni 20 bishura amahera yo kwibagisha barondera ubwiza.
Ikirengeje urugero, ni abagore n'abakobwa bakiri bato - bumva ko bategerezwa kurondera ubwiza ku rugero rwo hejuru - biciye mu kubagwa. 85 kw'ijana ni abagore kandi kuri benshi babitangura ku myaka nka 25.
Naho isura y'umuntu ari ikintu gihabwa agaciro gahambaye mu muco w'Abashinwa, cane cane ku bagore, ibiranga ubwiza bw'umuntu biriko birahinduka.
Mu myaka myinshi iheze, ubwiza bwaronderwa cane yari uruvangatirane rw'ibifatirwako vyo mu bihugu vyo mu burengero, ibishusho, no kurondera gusa n'abanyamuziki bo mu mudiho wa K-Pop wo muri Korea: harimwo imisaya igororotse, izuru rirerire cane, n'isura iringaniye.
Ariko ubu rero, hari ibindi biteye ubwoba cane biriko biragwira - kurondera ibintu bitabaho, ubwiza bw'umugore burenze urugero, ivyiyumviro bimeze nk'ivy'abana.
Ubu, umuntu araterwa umuti witwa Botox inyuma y'amatwi kugira ngo ayahengekeze imbere, ivyo bikaba bituma umuntu aboneka ko afise mu maso hatoyi kandi heza cane.
Kubagwa munsi y'amaso, bakaba babirabira ku vyo babona mu mareresi, bituma baboneka nk'abanyaburanga kandi nk'abana. Kugabanya ubunini bw'umunwa wa ruguru bituma umwanya uri hagati y'umunwa n'izuru uba muto, ivyerekana ko umuntu akiri muto.
Ariko bwinshi muri ubwo bwiza buva kuvyo babona mu mareresi, aho berekwa ibintu vyaryohowe, bigahingurwa ku buryo biza kuboneka nk'ibitagira agasembwa.
Mu buzima busanzwe, ingaruka akenshi ziratangaje - ugasanga umuntu afise isura atiyumvamwo nk'uko ari iyo umuntu nyawe, itanamwerekana nk'ukiri muto (si n'umwana).

Ahavuye isanamu, Abby Wu

Ahavuye isanamu, TikTok and RedNote

Ahavuye isanamu, SoYoung
Imbuga nka SoYoung (New Oxygen) na GengMei (More Beautiful) zivuga ko zikosora isura mbi ziriko zirahurumbirwa cane.
Zimaze kwihweza no gusuzuma amasura y'abazikoresha, ziratanga impanuro zijanye no kubagwa, zikakwereka ibitaro biba biri hafi, benezo bagahembwa uko hagize uwubagwa.
Ivyo n'ayandi makuru ajanye n'ubwiza birahanahanwa kandi bikamamazwa n'abantu ba rurangiranwa (ivyamamare) n'abakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro (influencers), bigatuma ivyo abantu babona ko bisanzwe kandi vyiza bihinduka.
Abby, nk'umwe mu ba influencers batanguye ubwa mbere mu Bushinwa kumenyekanisha ko babazwe barondera ubwiza, yaravuze ku mbuga hwaniro zizwi cane yerekana ingene yabazwe, aca ashirwa ku rubuga rwa SoYoung inyuma gato y'aho rutanguriye.
Yamara naho amaze kubagwa incuro zirenga 100, iyo asuzumye mu maso hiwe akoresheje ubuhinga bwa application ya SoYoung yitwa "Magic Mirror", iyo application iracamwereka "utunenge" kandi ikamuha urutonde rurerure rw'ibikorwa vyo kwibagisha.
"Ivuga ko mfise iminkanyari mu maso. Nzokwongereza ingene agasakanwa kangana? Ivyo narabikoze." Abby asa n'uwutangaye.
"Kugabanya izuru? None nosubira kubagwa izuru?"
Naho hari imbuga zisanzwe z'ubudandaji bukorerwa mu buhinga bwa none, imbuga z'ubwiza nka SoYoung na zo nyene zitanga uburyo bwo gukoresha imbuga hwaniro. Ababukoresha barasangira amakuru y'uko basa imbere yo kwibagisha n'inyuma y'aho kandi kenshi basaba impanuro abazikoresha cane nka Abby.
'Numva umengo harimwo isima munsi y'urukoba rwanje'.
Kugira ngo ababaga abarondera kwigira beza bagire ubushobozi bukwiye bwo gufasha ababahurumbira, hirya no hino mu Bushinwa hariko hugururwa ibitaro nka ben'ivyo vuba vuba.
Ariko hariho ubukene bw'abaganga babifitiye ubumenyi kandi ibitaro vyinshi biriko birakora ata ruhusha bifise.
Dushingiye ku cegeranyo ca iResearch, ishirahamwe ry'ubushakashatsi ku bijanye n'ubudandaji, kuva mu 2019, hari ibibanza 80.000 mu Bushinwa babaga abahiga kwiyongera ubwiza, ata ruhusha babifitiye kandi n'abaganga bavyo 100.000 babikora ata bumenyi babifitiye.
Ivyo bituma bivugwa ko muri ivyo bitaro vy'ubwiza vy'Abashinwa buri musi buri musi haberayo impanuka amajana n'amajana.
Dr Yang Lu, umuganga abaga ku bijanye n'ubwiza (plastic surgeon) kandi afise n'ibitaro vyabiherewe uburenganzira, bikorera i Shanghai, avuga ko mu myaka iheze igitigiri c'abantu baza kubagwa kugira ngo bahindure ibice vy'umubiri wabo wabazwe nabi caduze.
Dr Yang avuga ati: "Nabonye abarwayi benshi babazwe nabi ubwa mbere kubera ko baja mu bibanza bitabifitiye uruhusha."
"Bamwe mbere babagirwa mu mazu asanzwe y'abantu."

Yue Yue w'imyaka 28 ari mu babazwe nabi cane.
Mu mwaka wa 2020 yaratewe inkabuzo kugira agire mu maso nk'aho uruyoya (baby face collagen injections) - zagenewe gutuma mu maso hasa n'ahari amatama - mu kigo gikora ubwo buvuzi kitagira uruhusha cuguruwe n'umugenzi wiwe somambike. Ariko imiti yatumye hakongatara.
Avuga ati: "Urukoba rwanje rwari rumeze nk'aho rurimwo isima munsi''.
Yue Yue, yihebujwe gusubira kwibagisha ivyo bononye, yaciye aja mu bitaro yabonye bizwi cane ku mbuga hwaniro - ariko vyatumye ibintu birushiriza kuba bibi.
Ibitaro bimwe vyagerageje gukuramwo ibintu bamuteye munsi y'urukoba hakoreshejwe inshinge. Aho kumukurako ivyo bintu vyari bikomeye, bamukuyemwo igice co munsi y'uruhu rwiwe, bituma urukoba rwiwe rusigara rurereta.
Ikindi kigo c'ubuvuzi caragerageje gukwegera urukoba hafi y'amatwi yiwe kugira ngo rushikire ivyari munsi, bimusiga afise inkovu zibiri ndende n'isura isa n'iyikomantaye ukuntu.
"Isura yanje yose yarononekaye. Narahindutse nsa nabi nahora nsa neza kandi vyaragize ingaruka ku kazi kanje [nari njejwe abakozi b'ikigo mvamakungu kiri i Shanghai]."
Yaronse Dr Yang biciye ku rubuga SoYoung umwaka uheze, kuva ico gihe akaba yarabazwe incuro zitatu, harimwo n'ibipfunsi vyiwe vyari vyarononekaye mu gihe yari yarabazwe n'ikindi kigo c'ubuvuzi.
Yarabonanye na Dr Yang biciye kuri SoYoung umwaka uheze, kuva ico gihe akaba yarabazwe incuro zitatu, harimwo n'iminkanyari yiwe yari yarononekaye igihe yabagwa n'ikindi kigo c'ubuvuzi.
Ariko naho ukubagwa na Dr Yang kwatumye akira bimwe biboneka, inkovu za bimwe mu vyononekaye bivuye ku kubagwa nabi azozigumana ubuzima bwose.
Avuga ati: "Sinshaka gusubira kwigira mwiza kandi."
''Iyaba noshobora gusubira gusa uko nasa imbere y'uko mbagwa, nari kuba mpimbawe cane''.
'Vyagize ingaruka ku kazi kanje'
Buri mwaka, abantu ibihumbi mirongo nka Yue Yue baragwa mu mitego y'ibitaro bibaga abashaka kwigira beza bikora bitagira uruhusha mu Bushinwa.
Ariko naho hari ibitaro bimwe bimwe bifise impusha zo gukora n'abaganga babifitiye ubumenyi, harimwo abadakurikiza amategeko uko yanditse.
Muri 2020, inkuru y'umukinyi w'amareresi Gao Liu yabazwe ubwa kabiri izuru bari barabaze nabi - aho isonga ry'izuru ryiwe ryari ryarirabuye rirabora - yaciye imenyekana hose.
"Mu maso hanje harahindutse kandi nari nshavuye cane. Vyaranyononeye akazi kanje ko gukina amareresi."
Yari yarabazwe izuru mu bitaro bifise uruhusha vyo mu gisagara ca Guangzhou vyitwa She's Time's vya Dr He Ming, uwo na we akaba yariswe ko ari we "muganga mukuru" waho kandi akaba ari umuhinga mu vyo kubaga izuru.
Ariko mu vy'ukuri Dr He ntiyari afise ubumenyi bwo kubaga atawuriko aramugenzura kandi ntiyari yararonse uruhusha rw'akarere k'intara y'ubuvuzi ya Guangdong, rwo kuba umuganga abaga abarondera ubwiza (plastic surgeon).
Abategetsi baraciriye ihadabu ivyo bitaro, vyaciye vyugara inyuma gato y'iryo bara, bongera bahagarika Dr He gukora amezi atandatu.
Ariko rero, amayinga makeyi imbere y'uko She's Time's vyugarwa ku mugaragaro, ibitaro bishasha vyitwa Qingya vyasavye gukorera muri ico kibanza nyene.

Ahavuye isanamu, Gao Liu
BBC Eye yasanze hari isano rikomeye hagati ya She's Time's na Qingya, nk'iyi konti (compte/ account) imwe ya Weibo ikoreshwa n'ibi bitaro vyompi, hamwe n'abakozi benshi (bari abo ibitaro vya She's Time's) bagumijwe ku kazi ( ku bitaro bishasha vya Qingya), harimwo na Dr He.
BBC kandi yamenye ko Dr He yaronse gusa impapuro z'umutsindo zo kuba umuganga mu vyo kwigira mwiza mu kwa kane mu 2024, n'ubwo yari yabujijwe kwiyandikisha muri ico gisata kuva igihe ahawe igihano mu 2021(hashize imyaka itanu).
Ubu Qingya avuga ko yuguruye amashami y'ibitaro vyiwe 30.
Dr He, Qingya n'ibiro vy'amagara y'abantu mu ntara y'ubuzima ya Guangdong ntibishuye ku bibazo vya BBC kugira ngo bagire ico babivuzeko.
Ubuserukizi bw'Ubushinwa mu Bwongereza bwavuze buti: "Leta y'Ubushinwa isaba ubudahengeshanya amashirahamwe gukora akurikije amategeko y'igihugu, amabwirizwa n'ingingo ngenderwako zijanye n'ivyo."
Inyuma y'imyaka ine, no kubona amaze kwibagisha incuro zibiri asanura izuru ryiwe, Gao Liu n'ubu izuru ryiwe ntiriranganira.
"Ndavyicuza cane. Ni kuki nabikoze?"
Umugwi ujejwe amagara y'abantu ku rwego rw'igihugu mu Bushinwa waragerageje guhagarika ikibazo c'abaganga barangura ibikorwa badafitiye ubuhinga n'ubumenyi mu myaka iheze - harimwo no gutegeka inzego zijejwe amagara y'abantu zo mu karere guhinyanyura amategeko no gutanga amabwirizwa akomeye - ariko ingorane ziracariho.
Kuva ku gutanga akazi gushika ku madeni no ku kubagwa - mu masaha 24 gusa
Mu Bushinwa kino gihe, gusa neza ni ikintu gihambaye kugira umuntu ashobore kuroranirwa mu kazi.
Iyo umuntu acishije amaso ku mbuga zizwi cane zo kuronderako akazi, abona uburorero bwinshi bw'abakoresha bashira urutonde rw'ibisabwa ku mubiri kugira ngo umuntu ashobore kukaronka, mbere n'igihe ata naho bihuriye n'akazi baba bagiye gukora.
Akazi ko kwakira abantu gasaba abakarondera kuba bafise "nibura uburebure bwa 160cm kandi bateye igomwe", mu gihe akazi k'ubuyobozi karaba "uko umuntu aberwa kandi ateye igomwe".
Kandi ubu ico gitutu kiriko kirakoreshwa mu kwibisha uruyeri kuriko kuragwira mu bitaro bimwe bimwe vy'Abashinwa aho abagore bakiri bato bashobora gushikirwa n'ingorane mu gihe barondera akazi, bakagahabwa iyo gusa barishe amahera menshi yo kubagwa n'abazoba abakoresha babo.
Da Lan, twahinduye izina, yasavye akazi ko kuba umujenama w'ubwiza mu kigo c'ubuvuzi co mu gisagara ca Chengdu, mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubushinwa, ku rubuga rwa internet rwo gutora abakozi mu kwezi kwa gatatu mu 2024.
Inyuma y'aho akoreye ikibazo, uwo mugoroba nyene baramuhaye ako kazi.
Ariko avuga ko igihe yatangura akazi bukeye mu gitondo, yajanywe mu cumba gitoyi n'umukuru wiwe, aca aramupima, aca amuha itegeko ryo kwibagisha mu vy'ubwiza canke kubura akazi.
Da Lan avuga ko yahawe isaha itarenga imwe kugira ngo afate ingingo.
Muri uko kwotswa igitutu, yaremeye kwibagisha urukoba ruri hejuru y'amaso - ku giciro c'amahera arenga 13.000 yuan (£1.330) - arenga incuro zitatu umushahara w'ukwezi - n'inyungu irenga 30% ku mwaka.
Avuga ko abakozi bafashe telefone yiwe bayikoresha mu gusaba ico bita "ingurane (ideni) y'ubwiza", babesha amahera yinjiza. Mu munota umwe gusa, iyo ngurane yari ayeremewe.
Mu masaha y'inyuma ya sasita, yariko arasuzumwa kwa muganga. Haciye isaha imwe, yari ku meza yo kubagwa.
Kuva ku kazi gushika ku madeni no ku kubagwa - vyose mu masaha 24.
Igisata c'ubuvuzi bwo kwigira mwiza' mu Bushinwa kiriko kiraguka cane - ariko ukuntu abantu bavyipfuza cane vyatumye haba ubukene bw'abaganga babifisemwo ubumenyi n'ibitaro bifise impusha.
Ivyo kubagwa nta co vyamufashije ku bijanye n'ivyizigiro vyiwe vyo kuguma mu kazi. Da Lan avuga ko umuyobozi wiwe yamusuzugura, akamukankamira mu bantu, akanamutuka.
Yarahevye akazi inyuma y'indwi nkeyi gusa. Asubije amaso inyuma, yizera ko ako kazi katigeze kabaho mu vy'ukuri.
Avuga ati: "Bashaka ko ngenda kuva mu ntango''.
Naho yari amaze imisi irenga 10 akora ngaho, yahembwe amayuan 303 gusa (amadolari 42). Da Lan afashijwe n'abagenzi biwe, yararishe umwenda yari afise wo kubagwa inyuma y'amezi atandatu.
BBC Eye yavuganye n'abantu benshi bashikiwe n'izo ngorane, maze ibonana n'abandi batatu barimwo Da Lan muri Chengdu, igisagara cari gifise umugambi wo kuba "umurwa mukuru w'ubuvuzi bwo kwigira mwiza" mu Bushinwa. Bamwe bamwe baramaze imyaka bari mu madeni menshi cane.
Da Lan avuga ko ivyo bitaro vyamwivye vyitwariwe n'abandi banyeshure bahejeje amashure yisumbuye, bikaba vyarashizwe ahabona n'ibinyamakuru vyo mu karere, mugabo biguma vyuguruye kandi biracariko birondera abakozi.
Ubwo busuma ntibugarukira ku bikorwa vyo mu bitaro gusa - buriko buratandukira n'ibindi bisata.
Amashirahamwe amwe amwe atanga amakuru ku mbuga hwaniro ikibiriraho arashishikariza abagore bakiri bato gufata ingurane zo kubagwa, abizeza ko bazokwubaka izina ryiza.
Ariko inyuma y'ivyo, ayo mashirahamwe akenshi aragira amasezerano mu kinyegero n'ibitaro - akagenerwa igice c'agahembo ku mafaranga umuntu wese bagondoje ko yobagwa atanga.

Mu nzu y'uburiro y'i Beijing, ahantu heza cane ho gufata ifoto, Abby ahura n'abagenzi biwe kugira ngo banywe ikawa.
Abo batatu baritunganije kandi bahinduye mu maso habo mu buryo bumeze neza - barongereza ingohe zabo bahindura amagufa y'amatama yabo.
Iyo babajijwe ico bakunda cane ku bijanye n'ivyo mu maso habo, barakekeranya, bagaca bagorwa no kuvuga igice na kimwe batazokwiyumvira guhindura.
Ikiyago gihinduka kuva ku kwongereza agasakanwa, kugabanya iminwa yo hejuru gushika no kubaga izuru.
Abby avuga ko ariko ariyumvira ukundi kuntu yokwibagisha izuru - aheruka kwibagisha haraheze imyaka itandatu - ariko abaganga bariko baragorwa no kumubaga.
"Urukoba rwanje ntirushobora kugororoka inyuma yo kubagwa kenshi. Abaganga nta vyinshi bafise vyo gukora. Ntushobora kubaha igitambara co gushona ikoti ngo witegemwo ikanzu y'ubugeni."
Iyo mvugo ngereranyo iguma mu kirere, igashimika ku ngaruka z'ivyo bikorwa vyose vyo kwibagisha.
Ariko naho bimeze gutyo, Abby nta migambi afise yo guhagarika.
"Sinzi ko nzokwigera mpagarika urugendo rwanje rwo kwigira mwiza cane."










