Ingene Afrika iriko irazibira igihengeri c'indimi zayo zidakoreshwa na AI

- Umwanditsi, Pumza Fihlani
- Igikorwa, BBC News
N'ubwo Afrika irangwamwo igice kinini c'indimi zivugwa kw'isi – zirenga na kure ica kane hisunzwe ibiharuro ngereranyo bimwe bimwe – nyinshi ntizigaragara iyo hageze ibijanye n'iterambere ry'ubwenge bw'ubukorano (AI).
Iyi ni ingorane iterwa n'uko hataboneka ababishiramwo imitahe ntihaboneke n'amakuru (data) ashobora kwifashishwa muri aka kanya.
Ibikoresho vyinshi vya AI bikoreshwa uno musi, nka Chat GPT, vyifashisha Icongereza n'izindi ndimi z'i Buraya no mu Bushinwa.
Ivyo bituma umuntu aronka ibisomwa vyinshi cane yorahuramwo ubwenge kuri internet.
Ariko kubera indimi nyinshi Nyafrika zikoreshwa cane mu kuvuga kurusha kwandika, haca habura ibisomwa vyokwisungwa mu bijanye na AI kugira abavuga izo ndimi bashobore kuyifashisha.
Ku bw'amamiriyoni y'abantu kuri uwu mugabane, ibi bisigura guhebwa.
Abashakashatsi bagerageje gutorera inyishu iyi ngorane baherutse gushira ahabona icibazwa ko ari icegeranyo c'amakuru menshi ashoboka (dataset) ku ndimi nyafrika.
"Twiyumvira mu ndimi zacu, turota muri izi nyene tukanatahura isi biciye muri zo. Nimba ubuhinga bwa none budafatiye kuri ivyo, umugwi uhakwa gusigwa inyuma", ni ko umwigisha w'ibijanye na za mudosobwa kuri Kaminuza y'i Pretoria, Vukosi Marivate, abwira BBC.
Ati: "Turiko duca mu mpinduka zijanye na AI, tukagenda twiyumvira ivyo dushobora kuyifashishamwo vyose. Nk'ubu iyumvire ko hariho igice c'abanyagihugu kidashobora gushikira ubwo buhinga kubera amakuru yose ari mu congereza".
Umugambi Africa Next Voices warakoranije abahinga mu vy'indimi n'abanonosoye ubuhinga bwa za mudasobwa kugira bashireho amakuru ya AI ashobora gukoreshwa mu ndimi 18 za Afrika.
Ako gashobora kuba ari agace gato k'indimbi zirenga 2,000 zigereranywa ko zivugwa kuri uyu mugabane ariko abariko baratunganya uwu mugambi bizeye ko uzogenda waguka muri kazoza.
Mu myaka ibiri, uwu mugwi wafashe amajambo amara amasaha 9,000 muri Kenya, Nigeria no muri Afrika y'epfo, ufata ubuzima bwa misi yose mu bijanye n'uburimyi, amagara n'indero.
Mu ndimi zafashwe harimwo Kikuyu na Dholuo zo muri Kenya, Hausa na Yoruba muri Nigeria hamwe na isiZulu na Tshivenda muri Afrika y'Epfo, zimwe muri zo zisanzwe zivugwa n'amamiriyoni y'abantu.
"Hakenewe umushinge kugira haboneke intango kandi iki ni co Africa Next Voices iri, hama abantu bazowubakako bongereko bishasha", ni ko Prof Marivate yahagarariye ubushakashatsi muri Afrika y'Epfo avuga.

Mugenzi we wo muri Kenya Lilian Wanzare, umuhinga yanonosoye ibijanye n'ingene za mudasobwa zishobora gutahura indimi z'abantu, avuga ko gufata amajambo kuri uwu mugabane vyasigura gushiraho uburyo bujanye n'ingene abantu babayeho canke bavuga.
Agira ati: "Twegeranije amajwi mu burere, imyaka n'amamuko bitandukanye kugira tugerageze gushiramwo imigwi myinshi ishoboka. Inganda nini nini zikora ibijanye n'ubuhinga bwa none ntizama zibona ubwo budasa imisi yose".
Kugira umugambi ushoboke wakoresheje imfashanyo ya $2.2m (£1.6m) yatanzwe na Gates Foundation.
Ayo makuru azoba yugururiwe bose, akazofasha abahinga (developers) kwubaka uburyo bwifashishwa mu guhindura ururimi mu rundi, gukoporora no kwishura mu ndimi nyafrika.
Haramaze kuboneka uburorero buto buto bwerekana ingene indimi z'abasangwabutaka (imvukira) zifashishijwe muri AI zishobora gukoreshwa mu gutorera inyishu (gukemura) ingorane z'ubuzima muri Afrika, nk'uko bishikirizwa na Prof Marivathe.

Umurimyi Kelebogile Mosime afise imirima ya hegitari 21 i Rustenburg, mu karere kavamwo ubutare bwa platinum muri Afrika y'epfo.
Uyu mugore w'imyaka 45 akorana n'umugwi mutoya, bakarima ku murongo imboga – harimwo ibiharage, ipinari, chou-fleur, n'itomati.
Yatanguye arima amashu, haciye imyaka itatu. Kugira bigende neza, yifashisha "AI-Farmer" ubuhinga bwa AI bushobora gutahura indimi nyinshi zo muri Afrika y'Epfo, harimwo Sesotho, isiZulu na Afrikaans, bukamufasha gutorera inyishu ingorane zitandukanye.
"Nk'umuntu aciga ibijanye n'uburimyi, uhura n'ingorane nyinshi", ni ko Mosime avuga.
"Buri musi, ndabona akamaro ko gukoresha ururimi kavukire rwanje Setswana kuri app. Iyo mpuye n'ingorane mu mirima, ndashobora kubaza ibibazo nkaronka inyishu ngirakamaro".
"Ku muntu nkanje aba mu misozi ahantu ubuhinga bwa none budashika, birakenewe. Ndashobora kubaza ibijanye n'uburyo bwo gukurikirana udukoko, n'ibi vyaramfashije cane mu gusuzuma ibiterwa bigwaye", ni ko yabandanije avuga, atangaye, yambaye n'inkofero imukingira izuba.
Lelapa AI ni kompanyi ikiri nto yo muri Afrika y'Epfo yubaka uburyo bwa AI bushingiye ku ndimi nyafrika bwifashishwa mu mabanki no mu ma sosiyete yo gutumatumanako.

Ku bw'umuyobozi wa yo Pelonomi Moiloa, ubuhinga buhari muri iki gihe buracakoreshwa ku ndimi nkeya.
"Icongereza ni ururimi rw'amahirwe. Ku banyafrika y'Epfo bataruvuga, ntitwovuga ko bibabuza amahoro gusa – ahubwo bishobora no kubaviramwo kubura ama 'services' nkenerwa nk'ayajanye no kwivuza, ayajanye n'amabanki mbere n'aya reta", ni ko yabwiye BBC.
"Ururimi rushobora kuba inzitizi. Tuvuga ko rutari rukwiye kuyiba"
Ariko ahanini ni ivyerekeye urudandaza no kumererwa neza.
Ku bwa Prof Marivathe, hari kandi ivyago ko ata mishinge ku vyerekeye indimi za Afrika hashobora no kuba ikindi gitakara.
"Ururimi ni rwo rushikana ku kwiyumvira", ni ko avuga.
"Si amajambo gusa – ni kahise, imico, ubumenyi. Iyo indimi z'abasangwabutaka zidashizwemwo, dutakaza ibirengeye amakuru; dutakaza uburyo bwo kubona no gutahura isi".













