Umwidogo mu rudandazwa mu Burundi mu gihe hari inoti ziriko zirinubwa

Umwidogo mu rudandazwa mu Burundi mu gihe hari inoti ziriko zirinubwa

Mu Burundi bamwe mu banyagihugu bavuga ko biriko birabagora gukoresha inoti z'ibihumbi bitanu n'ibihumbi cumi ziriko zirasubirizwa n’Ibanki Nkuru.

Ni icemezo iyo banki yafashe mu ndwi iheze ivuga yuko yagifashe imaze kubona ko hari ubukene bw’izo noti mu ma banki n’ibindi bigo vy’amafaranga; ibintu ivuga ko bihungabanya ihererekanywa ry’amafaranga.

Abanyagihugu bavuga ko ico kibazo kiriko kiribonekeza cane cane mu gisata co kwunguruza abantu no mu bundi budandaji (umva aho hejuru ingene bamwe mu banyagihugu bavyiganiye BBC).

BRB ivuga yuko abanka izo noti bakora icaha gishobora guhanwa

Ico kibazo c’uko inoti nshasha zitariko ziraboneka ku buryo bworoshe kandi bigatuma bamwe mu bafise ibikorwa vy'ubudandaji batemera inoti zishaje, Jacques Niyitegeka yakibajije Bellarmin Bacinoni, umuvugizi wa Banki Nkuru y'Uburundi (umva ico kiganiro aho hejuru).

Ingenzi zishaka kwiyunguruza i Bujumbura
Insiguro y'isanamu, Igisata cunguruza abantu kiri mu vyahuye n'ikibazo co kwanka inoti ziriko zirasubirizwa