Impanuro za Angeline Ndayishimiye 'Première Dame' w'Uburundi ku batowe mu ihiganwa rya Miss Burundi 2025
Impanuro za Angeline Ndayishimiye 'Première Dame' w'Uburundi ku batowe mu ihiganwa rya Miss Burundi 2025
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bujumbura
Kellia Lagloire Kaneza w'imyaka 20 ava mu ntara ya Gitega ni we yatowe nk'umukobwa wa mbere mwiza, aciye ubwenge kandi w'akaranga mw'ihiganwa Miss Burundi ry'umwaka wa 2025.
Kaneza yarushije abandi bigema 105 bitabiriye iri higanwa kuva ritanguye mu ntango z'uyu mwaka rikaba mu bice bitandukanye gushika riranigiye mu mpera z'indwi iheze.