Raba ingene amarobo ameze nk'abantu yitsitarako mu rukino rw'umupira w'amaguru

Insiguro ya video, Raba ingeme amarobo (robots) ameze nk'abantu yitsitarako mu rukino rw'umupira w'amaguru
Raba ingene amarobo ameze nk'abantu yitsitarako mu rukino rw'umupira w'amaguru

I Pékin/Beijing mu Bushinwa, amarobo (robots) afise ishusho y'abantu yarahiganywe mu rukino rw'umupira w'amaguru rwabaye hirya y'ejo ku wa gatandatu, mw'ihiganwa bise ROBO League.

Ni vyo, amarobo yarateye umupira, arinjizanya ibitsindo, ariko kwari ukuguma yitsitarako agwa hasi.

Ni ihiganwa ryitabiriwe n'imirwi ine igizwe n'amarobo atat'atatu umw'umwe, adakoreshwa n'abantu, ahubwo yikoresha yo nyene, hifashishijwe ubwenge bw'ubukorano (intelligence artificielle/artificial intelligence, AI/IA mu mpfunyapfunyo).

Ni urukino rwatunganjiwe mu mugambi wo kwitegurira ihiganwa mpuzamakungu rizohuza amarobo ryiswe "World Humanoid Robot Games" rizobera aho nyene i Pékin mu kwezi kw'umunani uno mwaka.