Ingabo z'Uburundi zirahakana kugira uruhara mu ntambara na M23

Ingabo z'Uburundi zari muri Kivu ya Ruguru mu butumwa bw'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, EAC

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Uburundi zari muri Kivu ya Ruguru mu butumwa bw'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, EAC

Uwurongoye umuhari wa M23, Bertrand Bisimwa aragiriza ingabo z'Uburundi ziri mu butumwa bw'ingabo z'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko EACRF (East African Community Regional Force) kugira uruhara mu ntambara zihuza uwo muhari n'ingabo za Republika ya Demokrasi ya Congo.

Ku rubuga rwa X (rwahoze ari Twitter), Bisimwa agira ati: " Mu ntambara turimwo n'urunani rw'abashigikiye reta ya Kinshasa, abasirikare b'Abarundi bahora mu butumwa bwa EAC bariko barafashanya n'abari baje muri Congo hisunzwe amasezerano ivyo bihugu bibiri bifitaniye, mu kugwana na M23."

Bisimwa avuga ko umuhari wiwe umaze kubimenyesha umunyamabanga mukuru wa EAC.

Ku rundi ruhande, igisirikare c'Uburundi kirahakana civuye inyuma ivyo cagirizwa.

Ku rubuga rwa X, ingabo z'Uburundi, FDNB zivuga zibabajwe ''n'ibinyoma bikwiragizwa n'umukuru wa M23, Bertrand Bisimwa, bivuga ko ingabo z'Uburundi zahora mu butumwa bwa EAC, ubu ziri mu ntambara na M23 mu karere ka Kivu ya Ruguru."

Ku mbuga hwaniro, hari inkuru ziriko zirahererekanwa zivuga ko kuri uyu wa mbere, abasirikare bane b'intwazangabo (Officiers) b'Abarundi biciwe muri izo ntambara.

Uburundi bufise imigwi ibiri y'abasirikare bari mu gihugu ca Congo.

Umugwi umwe uriyo kubwo amasezerano yo gufashanya hagati y'Uburundi n'ico gihugu; uwundi na wo ukaba wari mu butumwa bwa EAC.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uburundi bwagumye buhakana ko ata ruhara bufise mu ntambara iriko ihuza M23 n'igisirikare ca Congo hamwe n'imigwi igishigikiye.

Mu ntango z'ukwezi kwa Munyonyo (11), M23 yaramenyesheje ko ihanganye ku rugamba n'ingabo z'Uburundi.

Mw'itangazo uwo muhari washize ahabona ico gihe, wavuga ko ingabo z'Uburundi ziri kumwe n'iza Congo n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho harimwo na FDLR ku rugamba.

Canisius Karemera umuvugizi wa M23 agira ati: "Twatanguye tubona Abarundi bari mu butumwa bwa EAC ariko baza guhindukira baja mu batugwanya."

Avuga ko ikivyemeza "hariho abo dufatira ku rugamba, biragaragara."

Mu nama y'akarere iherutse kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzania hapfunditswe ko ingabo za EAC zikura meza bitarenze uku kwezi kwa cumi na kabiri. Reta ya Congo ntiyashimye igikorwa zakoze, ikazagiriza ko ataco zafashije mu kurwanya umugwi M23.

Reta ya Congo iriko iravugana n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, SADC, kugira rirungike ingabo zosubirira iza EAC.

Ikibazo ubu kihari n'ukumenya abazosigara mu bibanza ingabo za EAC zizoba zivuyemwo mu gihe iza SADC zizoba zitarashika.

Hagati aho M23 iza yaramaze kumenyesha ko igiye gusubira mu birindiro yari yashikirije ingabo za EAC.