UK: Kwasi Kwarteng, ministre yari ajejwe ubutunzi yirukanywe atamaze amezi abiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kwasi Kwarteng, umwirabure wa mbere yabaye umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe ubutunzi, yakuwe muri ayo mabanga nyuma y'umubonano n'umushikiranganji wa mbere, Liz Truss.
Madamu Truss vyitezwe ko aha ikiganiro abamenyeshamakuru, mu gihe binuganugwa yuko leta ishobora guheba umugambi wayo wo kugabanya amakori ku “batunzi”, watangajwe mu nteguro ntoyi y’amahera leta ikoresha yaheruka gutangazwa.
Bwana Kwarteng yagarutse mu Bwongereza ikitaraganya mu gitondo c'uno munsi kugirana umubonano wihutirwa na madamu Truss.
Yaciriye hagati urugendo yari arimwo aho yari yitabiriye inama y’abashikiranganji bajejwe ubutunzi b’ibihugu bikize kurusha ibindi yabera i Washington.
Kare, umwe mu bakora mu biro vy’umushikiranganji wambere w’Ubwongereza yabwiye BBC ko Truss yibaza ko umushikiranganji ajejwe ubutunzi (bita Chancellor mu Bwongereza) yariko “arakora akazi keza”.
Umushikiranganji wambere Liz Truss ari ku gitsure ca benshi mu mugambwe wiwe wa Conservatives uri ku butegetsi, asabwa kwisubirako ku migambi yiwe ijanye n’ubutunzi, umwe mu bashingamateka b’uwo mugambwe akaba yabwiye BBC ati: “Karabaye, ibara riratugwanye”.
Vyashitse aha gute?
Bwana Kwasi Kwarteng, afise amamuko yo mu gihugu ca Ghana, ni umunyepolike yamye akorana vya hafi n'umushikiranganji wa mbere Liz Truss, mbere bikavugwa ko ari abagenzi.
Madamu Liz aho yatsinda amatora yo gusubirira Boris Johnson nk'umushikiranganji wa mbere, yaciye agena Bwana Kwarteng, umuhinga mu vy'ubutunzi, nk'umushikiranganji ajejwe ubutunzi w'Ubwongereza.
Ingingo ya mbere Bwana Kwarteng yafashe mu nteguro ntoyi y'amafaranga leta ikoresha yabaye iyo kugabaniriza ikori abantu bose bahembwa amahera arenga ibihumbi £150 ku mwaka.
Mu gihe atatangaje aho azokura amahera yo gusubiriza iryo kori azoba agabanije, vyatumye isoko ry'amafaranga rita icizere kw'ifaranga ry'Ubwongereza, rica rirakoroka, rikenerwa gufatwa mu mugongo n'ibanki nkuru.
Mu gihe hari hasanzwe hari ibibazo vy'ubuzima buzimvye kubera imvo zitandukanye zirimwo n'intambara yo muri Ukraine, benshi mu Bwongereza baciye babona ko iyo ngingo ije gusongera isibe, Bwana Kwarteng aca aja ku gitsure co guheba uwo mugambi wo kugabanya iryo kori.










