Global Witness irarega ikigo Traxys kugura Coltan ya Congo iciye mu Rwanda muri magendo
Itohoza rishasha ry'ishirahamwe Global Witness ryerekana ko ikigo c'ubucuruzi mpuzamakungu ca Traxys, caguze ubutare bwa coltan buvuye mu karere karimwo indyane ko muri Republika ya Demokarasi ya Congo.
Global witness imenyesha ko ubwo butare bwinjijwe mu Rwanda buvuye mu gace ka Rubaya kari mu karere karangwamwo intambara mu gihugu kibanyi ca Congo.
Icegeranyo ca Global Witness cerekana ko ikigo Traxys, gifise umutahe w'amamiliyaridi y'amadolari gifise icicaro gikuru i Luxembourg, caguze amatoni 280 ya coltan mu Rwanda mu mwaka uheze wa 2024.
Global Witness imenyesha ko yakuye ivyo biharuro ku mpapuro yabonye, zigaragaza uko ubwo butare bwinjijwe. Yemeza ko yavuganye n'abantu bari mu rudandazwa rwa coltan bayibwiye ko muri ubwo butare harimwo ububa bwaturutse muri Rubaya.
BBC Gahuzamiryango yavuganye na Alex Kopp, yayoboye ayo matohoza ya Global Witness.
BBC yashatse no kumenya ico Urwanda ruvuga kuri iki cegeranyo ca Global Witness, ariko umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire n'ibindi bihugu, Olivier Nduhungirehe, yatubwiye ko ata gitangaza kirimwo ko Urwanda rushora coltan kuko ruri mu bihugu vyimbura coltan nyinshi mw'isi.
Gusa Nduhungirehe yavuze ko ico cegeranyo ataco arabona.



