Ingene uno mugore yatoye abavyeyi biwe b'amaraso kuri Facebook, ariko nyina akamwihakana

- Umwanditsi, Fay Nurse
- Igikorwa, BBC World Service
Tamuna Museridze yariruhukije cane inyuma y’aho avuganiye n’umuntu kuri terefone yari yipfuje kuva kera, igihe amenyeye ko yashobora kuba yarezwe n’umuryango utamuvyaye.
Ico gihe yari ahamagaye umugore yemeza ko ari we nyina wiwe w’amaraso. Yari azi ko iyo terefone atari yo ishobora gutuma basubirana mu buryo butangaje - ariko ntiyari yiteze ko inyishu yari guhabwa yari kuba incamugongo kandi y’uburakari.
Mu vyo yibuka igihe yavugana n’uyo yemeza ko ari nyina wiwe, Tamuna agira ati: “Yaciye atangura kuboroga, avuza induru – yavuze ko ata mwana yigeze avyara. Nta kintu na kimwe yashaka kwumva kuri jewe”. Avuga ko inyishu yahawe yamutangaje, aho kumubabaza.
“Nari niteguriye ikintu ico ari co cose, ariko ukuntu yavyakiriye vyararengeye ikintu ico ari co cose nashobora kuba niyumvira”.
Tamuna ntiyari yiteguye kugarukira ngaho. Yararondera cane kumenya ingene vyagenze kugira ngo arerwe n’abatamuvyaye, kandi hari ikindi kintu yashaka ko nyina wiwe we nyene yari gushobora kumuha - izina rya se wiwe.
Tamuna yatanguye kurondera abavyeyi biwe mu 2016, inyuma y’aho umugore yamureze gushika akure apfiriye.
Igihe yariko arasohora ibintu mu nzu, Tamuna yaguye ku rupapuro rw’amavuko ruriko izina ryiwe ariko umusi w’ivuka uhushanye n’uwo yari yarabwiwe, ubwo nyene aca atangura kwikeka ko ashobora kuba yarezwe n’umuryango utamuvyaye.
Amaze gukora ubushakashatsi bukeya, yaciye atanguza umurwi ku rubuga rwa Facebook yise Vedzeb, bisigura ngo Ndiko Ndarondera, yizeye ko azoshobora kubona abavyeyi biwe b’amaraso.
Ahubwo yahavuye atora ikintu giteye agahinda co kugurisha abana muri Georgia cagize ingaruka ku buzima bw’ibihumbi mirongo vy’abana. Mu kiringo c’imyaka mirongo, abavyeyi barahendwa, bakabwirwa ko abana babo bavyaye baba bapfuye – mu nyuma izo nzoya zigaca zigurishwa.
Tamuna ni umumenyeshamakuru kandi igikorwa ciwe cahuje amajana n’amajana y’imiryango, ariko – gushika ubu – we ntiyari bwigere atorera umuti ikibazo c’amayobera kijanye n’amamuko yiwe, mbere aca atangura kwibaza ko na we atoshobora kuba yaribwe akiri uruhinja.
Avuga ati: “Nanditse iyi nkuru nk’umunyamakuru, ariko kandi iki cari igikorwa c’ubuzima bwanje”.

Yagiye kuronka umuco mu ci, igihe yaronka ubutumwa biciye ku mugwi wiwe wo kuri Facebook. Bwari buvuye ku muntu yaba mu ntara ya Georgia, yavuze ko bazi umugore yari yahishije imbanyi akaza kuvyarira i Tbilisi muri Nyakanga (9) 1984. Ni muri ico gihe nyene Tamuna yavuka - itariki yari yaratangaje ku mugaragaro.
Uno muntu yemeza ko uno mugore yari nyina w’amaraso wa Tamuna – kandi igikomeye yaramuvuze n’izina.
Ubwo nyene, Tamuna yaciye atangura kumurondera ku mbuga ngurukanabumenyi ariko abonye ataco ahakuye, yaciye afata ingingo yo gucisha ubutumwa kuri Facebook abaza nimba hari uwoba yari amuzi.
Mu nyuma niho haba umugore yishuye, avuga ko umugore yahishije iyo mbanyi yari inasenge wiwe. Yaciye asaba Tamuna gufuta ubwo butumwa ariko yemera ko ashobora kwipimisha ADN/DNA.
Mu gihe bari bakirindiriye inyishu ziva mu bipimo, Tamuna yahavuye aterefone nyina wiwe.
Haciye indwi, ibipimo vya ADN vyarasohotse, vyerekana ko Tamuna n’uyo mugore wo kuri Facebook bari abavyara.
Yishimikije iki cemezo kitabesha, Tamuna yarashoboye kwumvisha nyina wiwe ko yokwemera ukuri hanyuma akamubwira izina rya se wiwe. Yari umugabo yitwa Gurgen Khorava.
Aribuka ati: “Amezi abiri ya mbere yari ateye ubwoba, sinatahura ko ibi bintu vyariko bishikira jewe. Sinatahura ko nabatoye”.
Tamuna amaze kuronka izina rya se wiwe Gurgen, yaciye yihutira kumurondera kuri Facebook. Yahavuye atora ko yakurikirana amakuru yiwe ku mbuga hwaniro – igikorwa ciwe co guhuza imiryango kirazwi cane muri Georgia.
Tamuna yaratangaye asanze se wiwe “yari ku rutonde rw’abagenzi banje mu kiringo c’imyaka itatu”. Ntiyari azi ko yariko akurikirana inkuru z’umwana wiwe.
Tamuna ati: “Nta n’uko yari azi ko mama wanje yari yantwaye inda. Yaratangaye cane”.
Ubwo nyene baciye bategura ingene bobonanira mu gisagara ca Zugdidi mu burengero bwa Georgia aho se wiwe asanzwe aba – ku birometero 260 uvuye aho Tamuna aba, i Tbilisi.

Ahavuye isanamu, Tamuna Museridze
Asubiye kwiyumvira, Tamuna yumva umengo ari mu mubabaro, ariko igihe yashika kw’irembo ry’umuhana wa Gurgen, yaratangaye yumvise ko ata mutima wasimba.
Igihe uno mutama w’imyaka 72 yasohoka, barahoberanye, hanyuma barahagarara, bafata umwanya barabana mu maso, bamwenyura.
Aribuka ati: “Vyari ibintu bitangaje, igihe yariko arandaba, yaramenye ko ndi umukobwa wiwe. Nari nuzuye ibigumbagumba vyinshi”.
Yari afise ibibazo vyinshi mu mutwe ariko ntiyabona ico yari guherako. Ati: “Twaricaranye, turabana twongera tugerageza kurondera ico twohurirako”.
Bamaze kuyaga, bompi basanze hari ivyo bahurirako - Gurgen yari yarabaye umutamvyi rurangiranwa muri State Ballet of Georgia, akaba yanezerejwe n’ukwumva ko abakobwa ba Tamuna – ni ukuvuga abuzukuru biwe – bakunda nk’ivyo yakunda.
Amwenyura, Tamuna agira ati: “Bompi barakunda gutamba, co kimwe n’umugabo wanje”.

Ahavuye isanamu, Tamuna Museridze
Gurgen yaciye atumira umuryango wiwe wose muhira kugira ngo babonane na Tamuna, maze amwereka umuryango munini wiwe mushasha – benewabo, bavyarawe, ba inasenge na ba sewabo na ba inarume. Umuryango waremeye ko hariho isano rikomeye hagati yabo. Avuga ati: “Mu bana biwe bose, ni jewe nsa cane na dawe”.
Bamaze umugoroba baganira, basangira imfungurwa kama za Georgia, bongera baririmba mu gihe Gurgen na we yavuza ikorodeyo (accordéon).
Ariko nubwo yabonanye na se wiwe, Tamuna yagumanye ikibazo mu mutwe: Yoba yaribwe nyina igihe yavuka hanyuma akagurishwa nk’uko vyagenze ku bandi ibihumbi n’ibihumbi vy’abanya-Georgia? Abavyeyi bamureze ntibari bakiriho kugira ngo abiture hanyuma bamuhe inyishu.
Yahavuye aronka akaryo ko kubaza nyina w’amaraso mu kw’icumi. Ikompanyi yo muri Pologne yariko itegura ireresi ku buzima bwa Tamuna maze bica biba ngombwa ko bamutwara kubonana na nyina, uyu nawe aremera kuvugana na we mu mwiherero.
Tamuna yisanze atari umwana yibwe nk’uko vyagenze ku bandi bantu benshi yafashije gusubirana n’ababo. Ahubwo nyina wiwe ni we yamutaye bica biguma ari ibanga mu myaka 40 yose.

Ahavuye isanamu, Tamuna Museridze
Nyina na se ntibari bagifitaniye ubucuti kandi bari bamaze guhura gake. Nyina wiwe – kubera ibimaramare vyinshi – yahisemwo kunyegeza imbanyi yiwe. Muri Nyakanga (9) 1984, yagiye i Tbilisi, asiga abwiye abantu ko yari agiye kwibagisha, ahubwo aca avyara umwana w’umukobwa. Yagumyeyo gushika habonetse abashobora kurera Tamuna.
Tamuna ati: “Vyarambabaje numvise ko namaze imisi 10 ndi kumwe na we imbere y’uko antanga. Ndagerageza kuvyiyibagiza ariko birangora”.
Avuga ko nyina wiwe yamusavye ko abesha akabwira abantu ko yibwe. Ati: “Yambwiye ko ntavuze ko nibwe, vyose bica birangira hagati yacu…namubwiye ko ntashobora gukora ikintu nk’ico”.
Tamuna yumva ko yoba ahemukiye abo bavyeyi bose bibwe inzoya zabo. Ati: “Ni naramuka mbeshe, nta n’umwe azoba acemera ibivugwa n’aba bavyeyi”.
Avyanse, ubwo nyene nyina yaciye amwirukana mu nzu yiwe, kandi kuva ubwo, ntibarigera basubira kuvugana.
Ku mutima agira ati: “None nosubira gukora ivyo vyose? Neza cane, nobikora, narigiye vyinshi ku muryango wanje mushasha”.

Ahavuye isanamu, Tamuna Museridze










