Ubwongereza bwafatiye RD Congo ingingo ruhasha ku bijanye na visa kubera ikibazo c'abimukira

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Nick Eardley
- Igikorwa, Umunyamakuru ku bijanye na poritike
- Umwanditsi, Alex Kleiderman
Ubwongereza bwafashe ingingo zikomeye ku bijanye n'uruhusha rwo kwinjira mu gihugu (visa) ku bantu bava muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo), inyuma y'uko reta y'iki gihugu yanse kwemera amategeko ajanye no gusubiza iwabo abimukira badafise ivya ngombwa hamwe n'abanyamahanga bakoze ivyaha.
Reta y'Ubwongereza ivuga ko RD Congo ata mpinduka zisabwa yakoze mu kwubahiriza amategeko ruhasha ajanye n'abasaba ubuhungiro yatangajwe muri Munyonyo (11).
Kuri ivyo, ivy'ugutanga visa zihuta ntibizosubira kubaho ku bava muri iki gihugu, mu gihe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko aba bakomakomeye (VIP) hamwe n'abanyaporitike batazosubira gufatwa mu buryo bwihariye mu gihe bazoba bagiye mu Bwongereza.
Hagati aho, ubu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko ibihugu vya Angola na Namibia vyemeye kwongereza utwigoro two kwakira abanyagihugu bavyo, inyuma yo kugabishwa ko na vyo nyene bishobora gufatirwa ibihano co kimwe na RD congo.
Isoko ryo muri reta rivuga ko umushikiranganji w'intwaro yo hagati Shabana Mahmood atazohigimanga mu guhagarika visa ku bindi bihugu bizokwanka kwakira abanyagihugu bavyo.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko kubona ibihugu vya Angola na Namibia vyemera gutunganya mu buryo bubereye ingene bikora ari 'intsinzi ya mbere mw'ishirwa mu ngiro ry'impinduka z'amategeko agenga ubuhungiro yo mu kwezi guheze".
Reta yari yagabishije yo yari gushobora guhagarika gutanga ama-visa ku bantu bava muri Angola, Namibia na RD Congo ari nka hamwe amareta yabo atokwihutira gutunganya neza uburyo bwo gukorana n'Ubwongereza mu kwakira abirukanwa.
Isoko ryo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati rivuga ko aya masezerano ashobora gutuma ibihumbi n'ibihumbi birukanwa bakarungikwa iwabo.
Muri izi mpinduka z'amategeko agenga abasaba ubuhungiro mu Bwongereza, uburenganzira bwo kuba impunzi buzoba ubw'agateganyo, si abasaba ubuhungiro bose bazofashwa mu bijanye n'uburaro, kandi hazoshirwaho inzira nshasha zemewe kandi zitekanye zo kwinjira mu Bwongereza, ariko zifise urugero ntarengwa.
Igihe yamenyesha izi mpinduka mu kwezi guheze, umupfasoni Mahmood yagabishije ko hazoba ingingo ruhasha ku bihugu bizokwanka gukorana n'Ubwongereza mu gikorwa co gusubiza iwabo abimukira badakwije ivya ngombwa. Muri izi ngingo harimwo "guhagarika bukwi na bukwi" gutanga ama-visa ku bihugu bifise abantu benshi basaba ubuhungiro gushika vyemeye kwakira abenegihugu bavyo bari mu Bwongereza mu buryo butemewe n'amategeko.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwavuze ko igikorwa co gusubiza iwabo abantu bava muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Angola na Namibia cariko kiraburizwamwo – aho impapuro zitariko ziruzuzwa uko bikwiye, canke aba bantu bo nyene basabwa kuziterako igikumu – ibi bikaba vyatuma igikorwa kitabandanya.
Bwari bwagabishije ko ibi bihugu bitatu vyari gushobora gufatirwa ingingo kubera bitariko vyorohereza iki gikorwa co gusubiza abantu bavyo iwabo.
Bwavuze ko RD Congo hari bimwe bimwe yari yiyemeje gukora, ariko ko ari nka hamwe itokwiha inshingano zihuta zo kwemera gukorana na reta y'Ubwongereza, ko hashobora gufatwa n'izindi ngingo, harimwo guhagarika burundu itangwa ry'ama-visa ku banyagihugu bayo bashaka kuja mu Bwongereza.
Umushikiranganji Mahmood yavuze ati: " Twiteze ko ibihugu vyubahiriza amategeko. Nimba hari umwe mu banyagihugu bavyo atagira uburenganzira bwo kuba hano, bitegerezwa kumwakira
"Ndashimira Angola na Namibia kandi ndashima ko bemeye gufashanya natwe. Ubu ni igihe ca RD Congo co gukora ikibereye. Akira abantu bawe canke utakaze uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu cacu".













