Bitangira abandi mu kubarwaza, bo bazorabwa nande?
Ivyirwa vyatunganijwe vyerekana ko abarenga 3 kuri 5 mu bitangira abakeneye ubufasha muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara, baheza ubwabo bakagira ibibazo vy'amagara yabo, amarangamutima, ndetse n'ingaruka z'ubutunzi
Muri Afrika abo bitangira abandi usanga babikora bucece, mu miryango, mu kibano ndetse no mu bibanza vyo kurwarizamwo nk'ibitaro.
Kutagira ibiharuro vyerekana ingene ibintu vyifashe, mu bihugu, ubukene bw' ubushakashatsi canke kuba ata migambi ihari itomoye kuri ico kibazo co kwitaho abarwayi, ivyo vyongereza uburemere abo baba bitangira abandi ku bushake bwabo.
BBC yaravuganye na bamwe mu bitanga mu gufasha abandi (bakitswe n'amagara) mu miryango yabo, ihuza babiri muri bo.
Abo ni Jane Muchiri, afise umugabo yavunitse uruti rw'umugongo kubera isanganya yagize haraciye imyaka 11, na Viona Wamanyu, asanzwe afasha musazawe yavukanye ikibazo ca autisme, hamwe n'umuvyeyi wiwe afise ikibazo co mu mutwe.



