Uganda: Umushikiranganji yagirizwa kwiba amabati yankiwe kurekurwa vy'imfatakibanza

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Patience Atuhaire
- Igikorwa, BBC Kampala
Umushikiranganji wo muri reta ya Uganda yagirijwe akamaramaza ko kwiba amabati yankiwe kurekurwa vy’imfatakibanza ku ncuro ya kabiri.
Umucamanza wo muri sentare igwanya ibiturire yafashe ingingo ivuga ko ingwati zatanzwe n’umushingwamanza wa Mary Goretti Kitutu zidahagije.
Madame Kitutu ku wa kane w'indwi iheze yagumijwe mu gasho inyuma yo kuvuga ko azoburana ahakana icaha c’igiturire inyuma y’aho amabati 14.500 yari agenewe abantu ba ntahonikora bo mu ntara ya Karamoja mu buseruko bwa Uganda aburiwe irengero.
Uwo munya-poritike w’imyaka 60 ni umushikiranganji w’iyo ntara imaze imyaka n’iyindi irangwamwo uruzuba n’imyuzure iyo imvura bishitse ikagwa, bigatuma benshi muri iyo ntara bama bazera ku mfashanyo.
Nibura abandi bategetsi 10 bakomakomeye muri reta bivugwa ko baronse kuri ayo mabati yibwe.
Mu bavugwa harimwo icegera c’umukuru w’igihugu, umushikiranganji wa mbere, umukuru w’inama nshingameteka n’abandi bashikiranganji.
Mu ntango z’iyi ndwi igiporisi cavuze ko ayandi madosiye ajanye n’ubwo busuma yarungikiwe abashikirizamanza, ko rero hari abandi bazoshengezwa.
Prezida Yoweri Museveni yavuze ko abatwaye ayo mabati bategerezwa kuyasubiza canke bakariha amafaranga akwiye ayo batwaye.










