USA: Umugabo wa Nancy Pelosi yahamijwe icaha co guteza impanuka yaborewe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo w'umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika Nancy Pelosi yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imisi itanu inyuma yo kwemera icaha co gutwara imodoka yaborewe.
Paul Pelosi w'imyaka 82 yemeye ko yatwaye imodoka yanyoye inzoga akomeretsa abantu inyuma yo kugonga imodoka yiwe yo mu bwoko bwa Porsche mu karere ka Napa, i California, mu kwezi kwa gatanu mu 2022.
Kuba uwo mugwizatunga yaremeye ikosa bituma ata bindi bihano bindi bikomeye ahabwa.
Pelosi y'ubakanye na Nancy, umudemokrate arongoye inama nshingamateka ya Reta zunze Ubumwe za Amerika, kuva mu 1963.
Nta kindi gihano co gupfungwa azocibwa ufatiye ku masezerano yo kwemera icaha.
Ijoro rimwe yaraye mu gasho inyuma yo guteza iyo mpanuka itariki 28 z'ukwezi kwa gatanu, rizoharurwamwo imisi ibiri. Iyindi misi ibiri izofutwa hafatiwe ku kwigenza neza, hanyuma umusi umwe usigaye uzosubirizwa gukora ibikorwa rusangi mu kiringo c'amasaha umunani.
Pelosi, yashinze ikompanyi yo gushora imitahe, azomara kandi imyaka itatu ariko aragenzurwa, asabwa gukurikirana icirwa cerekeye kunywa utwaye imodoka kandi ategerezwa kuriha ihadabu ry'amadolari 7000.
Ntazokwakwa uruhusha rwo kugendesha imodoka, ariko azosabwa gukoresha akuma gapima uwanyoye inzoga ahushemwo impwemu kazoba kari mu modoka yiwe, imbere y'uko ayatsa.
Igihe hariko harumvirizwa urwo rubanza kuri uyu wa kabiri, Pelosi ntiyari muri Sentare.
Iryo sanganya ryabaye ari mw'ijoro i Oakville, mu ntara ya California, igihe yari avuye ku muhana w'umugenzi wiwe bafitaniye ubucuti kuva kera asanzwe anaterera umugambwe w'abademokrate.
Inkuri ziri mu cegeranyo c'igipolisi zivuga ko imodoka yiwe yo mu bwoko bwa Porche 2021 yagonganye n'umushoferi ari muri Jeep iruhande yo muhira iwe. Bivugwa ko izomodoka zose ko ari zibiri zononekaye cane.
Abapolisi baje, Pelosi yabahaye ikarata yerekana ko ari umunywanyi w'ishirahamwe rifata mu mugongo abapolisi bakizura ku mabarabara anyaruka cane muri California (California Highway Patrol officers) nk'uko biri mu kirego c'igipolisi.
Ico gihe Nancy Pelosi yari muri Rhode Island, ariko arashikiriza ijambo abanyeshure barangije muri kaminuza ya Brown.
Ibiro vyiwe ntaco vyashimye kubivugako uretse gusa kuvuga ko ari "ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe."










