'Nagiye ku rubaraza mbona indege ihuruduka igira agatebetebe' - ababonye isanganya ry'indege yahitanye 61 muri Brezili

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Thomas Mackintosh
- Igikorwa, BBC News
Abantu 61 ni bo baguye mw'isanganya ry'indege yakorotse, mu ntara ya São Paulo muri Brezili.
Iyi ndege y'imoteri zibiri yakorotse iriko iva mu gisagara ca Cascavel mu ntara ya Paraná mu bumanuko bwa Brezili mu gisagara ca Vinhedo, nk'uko bivugwa n'ikompanyi Voepass.
Videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana indege yariko irahuruduka igira agatebetege .
Iyi ndege ATR 72-500 yarimwo ingenzi 57 n'abakozi bane, abategetsi bakavuga ko ata n'umwe yarokotse.
Umukuru w'igihugu ca Brezili Luiz Inácio Lula da Silva, yahojeje incuti n'imiryango y'abaguye muri iri sanganya.
Buramatari wa São Paulo, Tarcísio Gomes de Freitas, yaciye atangaza ikigandaro c'imisi itatu.
Abategetsi bavuga ko ivyuma bibika amakuru y'ingendo z'iyi ndege vyatowe. ATR, ikompanyi y’Ubufaransa n’Ubutaliyano yakoze iyi ndege, ivuga ko izofasha mu bikorwa vy’amatohoza.
Iyi ndege yakorokeye mu karere gatuwemwo n’abanyagihugu ariko nta wakomeretse.
Abategetsi bavuga ko inzu imwe gusa ari yo yononekaye.
Ni ryo sanganya rya mbere ry’indege ribi ribaye muri Brezili kuva mu 2007, igihe indege y’ikompanyi TAM Express yakoroka igasha igatokombera ku kibuga c’indege ca Congonhas i São Paulo, abantu 199 bakaba ari bo batikiye.
Ibintu 'biteye ubwoba'
“Igihe numva ijwi ry'indege iriko irakoroka, narabiye mw'idirisha muhira ndibonera neza ingene yakorotse", niko Felipe Magalhaes yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Yaciye ava muhira agenda yiruka mu gisagara ca Vinhedo kugira arabe aho iyo ndege yakorokeye. "Nubwoba bwinshi kandi ntabona ico nokora, naciye nsimbira ku ruhome", niko avuga.
Nathalie Cicari aba aho iyi ndege yakorokeye akavuga ko yariko arafungura igihe yumva "ijwi rinini cane ry'ikintu gikorokeye hafi y'aho yari ari".
Avuga ko yumvise ijwi ryasa n'iry'indege itagira umudereva (drone) ariko "rinini cane".
Umupfasoni Cicari yabwiye ishami ry'ikimenyeshamakuru CNN rikorera muri Brezili ati: "Nagiye ku rubaraza mbona indege iriko irahuruduka mu iragira agatebetebe.
"Haciye akanya gato, niho naca menya ko atari ibintu bisanzwe ku ndege".
Avuga ko igihe ibi vyaba vyari ibintu "biteye ubwoba". Ntaco yabaye nubwo vyabaye ngombwa ko ava mu nzu yiwe yari yuzuye umwotsi mwinshi wirabura inyuma y'iri sanganya.
Uwundi nawe yitwa Pietro yabwiye itororotold Reuters ko yabonye "isinzi ry'abantu" bava mu mazu yabo "bafata amavidewo".
Ati: “Ico nabonye ni ibisigarira vy'indege, hari hasigaye kirya cuma c'abadereva".
Ku kibuga c'indege ca Cascavel mu ntara ya Paraná iri mu bumanuko, aho iyo ndege yari ivuye itera ija mu gisagara ca São Paulo, bake mu ngenzi zacerewe iyi ndege ya Voepass ikabasiga, baravuga ingene biyumva.
'Hewe, numva narengewe'
Adriano Assis avuga ko igihe yashika ku kibuga c'indege yabuze amakuru yerekeye umwanya iyi ndege yategerezwa guhagurukirako, kandi ko ata n’umwe yari hafi ngo yishure ibibazo.
Iyo haje umuntu, yabwirwa ko hatari bwagere ko yurira indege, nk’uko abivuga.
“Nanahaririye na we, ariko impera n’imperuka nasanze arokoye ubuzima bwanje”, niko Assis yabwiye ikinyamakuru co muri ico gihugu, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Brezili Globo.
Iyindi ngenzi, Jose Felipe, wewe yashaka gukatisha itike ku ndege y’ikompanyi Latam ariko mu nyuma aja kugeragereza kuri iyi ya Voepass.
Felipe yabwiye Reuters ati: "Twibaza ko twategerezwa kugenda na Latam, ariko Latam yari yugaye.
"Nashitse kare, ndarindira, ndarindira, ndarindira, ndarindira…ndabura.
"Hageze isaha zitanu, niho naza ngaha gusaba amakuru. Niho bambwira bati, 'Ntushobora kwurira iyi ndege kuko wacerewe'.
"Niho naciye ntangura gushwana, eka mbere nashatse no kwinjira ku nguvu, namubwiye nti, 'Mbisa ninjire, ntegerezwa kugenda n’iyi ndege, hanyuma ambwira ati, 'Oya, ndashobora kukwandikira iyindi tike'.
"Hewe, numva narengewe. Aha ndiko ndasusumira, amaguru hano ntiworaba…Imana yonyene na jewe ni twebwe twari tuzi ivy’uno mwanya".






