Intambara zashushe mu muji wa Mariupol

Ahavuye isanamu, AFP
Abanyagihugu bo mu ntara iri mu minwe ya leta, bavuga ko yasukiriwemwo ibisasu.
Ingabo za Ukraine bivurwa ko zashubije zimaze guterwa n'abarwanya ubutegetsi, bashigikiye n'Uburusiya, bafashwa n'ibimodokari vy' intambara.
Perezida wa Ukraine Petro Poroshenko, avuga ko yizeye ko ibiganiro bibera muri Belarussie uno munsi, bishobora kubashikana ku ngingo yo guhagarika intambara, hakurikijwe umushinge watangazwe na mugenziwe w'Uburusiya, Vladmir Putin.






