
Angelina Jolie
Mu nkuru yahaye ikinyamakuru the New York Times, Angelina Jolie yavuze ko yafashe ingingo yo gukuramwo amabere yompi kuko afise uduce ntangakamere (genes) dushobora gutuma arwara cancer.
Impungenge zo gufatwa na cancer kuri Angelina Jolie ngo zarenga 87%, iyo ngwara ndetse ikaba yahitanye nyina wiwe afise imyaka 56.
Angelina Jolie yavuze ko ubu ngo ashobora kwubwira abana biwe ko badakwiye kugira impungenge zo kuba impfuvyi kubera iyo cancer.
Yashimye umunega wiwe, umukinyi wa film Brad Pitt, avuga ko yamubaye hafi igihe cose yamaze mur'ico kibazo co kwibagisha amabere.