
Reporters Sans Frontieres
Ishirahamwe rirengera agateka k'abanyamakuru ryo mu Bufaransa, Reporters Sans Frontieres, rivuga ko mu Burundi no mu Rwanda ubwisanzure bw'itangazamakuru bugenda busubira inyuma.
Mu cegeranyo gisohoka buri mwaka, RSF ivuga ko mu Rwanda ibintu biguma hahandi, ngo naho leta yagerageje kuvugurura amategeko agenga itangaza makuru.
Ngo mu Rwanda gushika ubu haracari abanyamakuru babiri b'abagore bapfunze, ivyo bikaba biri mu bituma ikibanza c'u Rwanda kitaba ciza ku rutonde.
Mu Burundi vyasubiye inyuma
U Burundi naho mu myaka iheze bwari ku kibanza ciza mu kwubahiriza ubwo bwisanzure, ngo ibikorwa vyo guhamagaza abakuru b'amaradiyo yigenga bagahatwa ibibazo vyatumye ico kibanza gisubira inyuma.
Ikindi naco ni urubanza rw'umunyamakuru Hassan Ruvakuki, RSF ikavuga ko rwerekanye ko abakora umwuga w'itangazamakuru mu Burundi basigaye bahura n'ingorane zikomeye.
Ku rutonde rwa RSF rw'uno mwaka, u Rwanda ruri mu kibanza c'161 ku bihugu 179, nayo u Burundi buri ku kibanca c'131.
Ni kuvuga ko u Rwanda rwatakaje ibibanza bitanu ugereranije n'umwaka uheze, nayo u Burundi butakaza ibibanza bibiri.
Igihugu kiza imbere muri Afrika ku rutonde rwa RSF mu kwubahiriza ubwisanzure bw'itangazamakuru ni Namibia, nayo ikiza inyuma ku rwego rw'isi ni Eritrea.