
Ikiziga c'umwe mu biciwe mu mugambi wo gukingira ubukangwe
Igipolisi muri Pakistan kivuga ko abantu bitwaje inkoho barashe abantu babiri bari mu mugambi wo gukingira ubukangwe mu gihe abandi batanu bishwe ejo.
Ikindi gitero nk'ico cakomerekeje cane umugabo umwe.
Ishami rya ONU ryita ku bana, UNICEF ryaciye rihagarika uwo mugambi mu gihugu cose, wari ugamije kurandura indwara y'ubukangwe itera ubumuga canke Polio.
Ubwicanyi bw'uno munsi bwabereye mu micungararo no hagati mu muji wa Peshawar.
Umugore agenzura igikorwa co gukingira be n'umushoferi wiwe bishwe.
Uwo mugambi wo gukingira ubukangwe uherekejwe n'ibihuha hagati mu gihugu no mu bakuru b'aba Taliban, bivuga yuko ikigamijwe ari uguhindura ingumba aba Islam hamwe no kubasumako urusaku.
Leta ya Pakistan yavuze ko itazoheba umugambi wo kurandura indwara y'ubukangwe.