
01/12 niwo munsi mpuzamakungu wo kurwanya SIDA
Inyuma y’ imyaka irenga 20 hashinzwe umunsi wahariwe kurwanya SIDA, mu Burundi amashirahamwe yo kurwanya SIDA avuga ko abagendana uwo mugera bagikumirwa bigatuma batinya kwipimisha ngo bafate imiti.
Christine Bizimana yamenye ko afise umugera wa sida mu 1996.
Ntiyorohewe haba mu muryango canke ku kazi.
''abagenzi barampezeko, incuti ziramperako, ahantu hose nciye ukamenga ndi igicibwa. abo ku kazi, nari umwigisha, baguma baryana inzara bandaba. Mu muryango aho naboneye ingorane nateguye kuganduka ku mutambukanyi wanje, baca bambaza ngo none ko wihuta? ariko ndenganye bagaca bavuga ngo none ntiyorindira bikazobera rimwe?''
Ariko ubu Christine avuga ko atawukimukumira. Aahubwo ngo niwe asigaye aremesha abandi. yamara ngo ivyo ntibivuze ko gukumirwa vyaheze ku bandi bagendana umugera wa SIDA.
Chritiane Bukuru , umuhanuzi mw'ishirahamwe ryo kugwanya SIDA ANSS avuga ko no kuri uyu wa gatanu mu biro iwe haje umwana aje kumuha ubutumwa bwa nyina wiwe bw'uko ababanyi bamurembeje bamutuka, umwana nawe ataronka abo bakina kuko bamuhunga ngo arwaye SIDA.
Christine Bizimana qsigaye ari umuhanuzi mw'ishirahamwe ryo kugwanya SIDA avuga ko abantu benshi na cane cane abakenyezi bibungeze baratinya kuja kwipimisha ngo bakingire abana bari mu mbanyi zabo kuko batinya gutungwa agatoke.
N'abamaze kumenya ko bagendana uwo mugera baratinya kuja mu bigo bitanga imiti yo gupfupfahaza kuko banka ko abantu bomenya ko bafise uwo mugera.