
Kaduna muri Nigeria
Abiyahuzi bateye isengero riri hagati mu kigo c'abasirikare muri leta ya Kaduna iri mu buraruko bwa Nigeria gihitana abantu 11 abandi 30 barakomereka.
Umuvugizi w'igisirikare yabariye BBC ko imiduga ibiri yaje ikinjira mu kigo c'igisirikare i Jaji, akavuga ko vyabaye giturumbuka kandi ko biteye isoni kuba vyashobotse.
Gushika ubu abagavye ico gitero ntibaramenyekana abo aribo.
Ariko igisirikare gikeka umugwi wa ki Islam Boko Haram, wateye amasengero i Kaduna mu minsi iheze.
Uwo mugwi urwanira gutembagaza leta muri Nigeria, ugashirako ubutegetsi bugira ku mategeko akaze ya Islam bita Sharia.
Umunyamakuru wa BBC, Will Ross, ari i Lagos avuga ko naho Abakristu n'amashengero bamaze igihe baterwa, ngo iki gitero gisa n'icatumbereje igisirikare.
Kuwa Gatanu, igisirilare ca Nigeria cemeye gutanga imiriyoni 50 z'ama naira, canke ibihumbi 317 vy'ama dolari, yo gufasha guhiga uwukekwa kuba ari umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau.
Hazotangwa kandi imiriyoni cumi ku mu Boko Haram umwe umwe wese azoja arafatwa.