
Ibubanfu Barack Obama, iburyo Mitt Romney bahagatiwe na nyina wabo Millicent Owuor mu bitaro vya Siaya
Millicent Owuor, umukenyezi w'imyaka 20, yibarukiye mu bitaro vyo muri district ya Siaya, abana b'abahungu babiri.
Hafi y'ivyo bitaro, mu gace ka Kogelo, ahari amamuko ya se wa perezida Barack Obama, abantu bariko barigina ko yasubiye gutsinda.
Umupfasoni Owuor yabwiye ikigo c'amakuru ca Reuters ko yise abana Barack na Mitt.
Yafashwe amafoto ahagatiye abo bana biwe b'amahasa, kur'uyu wa gatatu.
Yavuze ko yise abo bana biwe amazina y'umu kandida yatsinze (Barack Obama) n'uwatsinzwe (Mitt Romney) amatora ya leta Zunze Ubumwe za Amerika , kugira azohore yibuka ko bavutse uwo munsi w'amatora.
Se wa perezida Obama yavukiye muri Kenya, mukasekuru Sarah Obama, aracaba iKogelo mu ntara ya Kisumu.
Abanyagihugu ba Kogelo baratamvye baratarika bumvise yongeye gutsinda.
Uwo inakuru Sarah Obama ubu akwije imyaka 90 yavuze ko Obama yatsinz ekuko Imana yamuhaye gutsinda, ikindi kandi ngo afise impano yo gukunda bantu bose.
Se wa perezida Obama, Barack Hussein Obama, yahitanywe n'impanuka muri Kenya mu 1982.