
Umukozi wo muri Park ya Virunga ari kumwe n'ingagi
Abantu umunani biciwe mu gitero c'aba Mai Mai muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo muri park ya Virunga ituwe n'ingagi.
Abakozi babiri bacungera iyo park hamwe n'umusoda umwe bari muri abo bishwe, igihe barasana n'abarwanyi b'aba Mai Mai.
Abajejwe iyo park bavuga ko ukwiyongerwa kw'imirwano mu karere ko mu buseruko bwa Kongo muri ano mezi, kwatumye ibitero vy'abahiga inyamaswa zicungerewe vyiyongera, co kimwe n'ubwicanyi bw'abakora muri iyo park.