
Umukuru w'igihugu wa Benin, Thomas Boni Yayi
Abantu batatu bagirijwe gushaka kuroga umukuru wa Benin, akaba n'umukuru w'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, Thomas Boni Yayi.
Abashinjacaha bagiriza umuganga wa bwana Boni, umwishwa wiwe hamwe n'uwahoze ari umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw'ibikorwa vya leta.
Bagirizwa kuba bashatse guhindura imiti yiwe bakayisimbuza uburozi igihe yari mu rugendo mu Bubirigi mu ndwi iheze.
Bivugwa ko umugwizatunga wo muri Benin, yemereye imiriyoni zibiri z'ama dollar abo bantu kugira bakore ubwo bwicanyi, nyuma y'aho ishirahamwe ryiwe ryakiwe ivyashara bikomeye vya leta.
Amakuru avuga ko uwo mugwizatunga yahunze, kandi abo bagirizwa gushika ubu ntaco baravuga ku mugaragaro ku vyo baregwa.