Salima Mukansanga azohagarikira inkino z'igikombe c'isi muri Qatar mu 2022
Umunyarwandakazi Salima Mukansanga yagenywe kuba mu bazohagarikira inkino za nyuma (finales) z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kizokinirwa Qatar uyu mwaka wa 2022. Nta mugore yari bwabe umuhagarikizi mu nkino z'umupira w'amaguru mu rwego rw'abagabo, buzoba bubaye ubwa mbere muri iryo higanwa rizoba mu kwezi kwa Munyonyo (11).