Impunzi y'Umurusiya n'Umunye Ukraine basezeraniye ku rubibe rwa Mexique na Amerika

Umunye Ukraine Daria Sakhniuk n'umurusiya Semen Bobrovski bagiriye ubugeni mu biro bijejwe kwandika ababiranye muri Mexique ku musi wa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunye Ukraine Daria Sakhniuk n'umurusiya Semen Bobrovski bagiriye ubugeni mu biro bijejwe kwandika ababiranye muri Mexique ku musi wa gatatu

Impunzi zibiri ziri muri Amerika - umwe w'umunye Ukraine uwundi w'umurusiya - bagize ubugeni mu birori bito vyabereye mu gisagara ca Tijuana ku rubibe Mexique ihana na Amerika.

Umunye Ukraine Daria Sakhniuk n'umurusiya Semen Bobrovski bagiriye ubugeni mu biro bijejwe kwandika ababiranye muri Mexique ku musi wa gatatu.

Bose bahora baba muri Ukraine imbere y'uko intambara yaduka, nk'uko babibwiye TV network Telemundo, kandi bakaba bategura kusezeranira i Kyiv.

Sakhniuk yabwiye iyo mboneshakure ati:"Ndanezerewe cane kuba narashoboye guhwana n'abantu beza bashoboye kudufasha kugira ubwo bugeni aha muri Mexique, i Tijuana."

Inyuma y'ivyo birori, abo bubakanye bahimbaje isabukuru y'amavuka y'imyaka 27 ya Sakhniuk mu migenzo kavukire ya Mexique yitwa "taquiza".

Inkuru zitangwa n'igisagara ca Tijuana, bashitse muri Mexique haraciye indwi zibiri. Bobrovski ntiyashobora gusaba ubuhungiro muri Reta zunze Ubumwe za Amerika kubera ingingo z'ico gihugu zemerera gusa abanye Ukraine bahunze intambara kwinjira muri Amerika.

Ubu rero Bobrovski yubakanye n'umunye Ukraine, bizeye ko bashobora kwemererwa kwinjira muri Amerika, bace baba i New York.

Umunye Ukraine Daria Sakhniuk n'umurusiya Semen Bobrovski bagiriye ubugenzi mu biro bijejwe kwandika ababiranye muri Mexique ku musi wa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters