Burundi: Imvo n'Imvano kw'iyirukanwa ry'amakinga, taxi-moto na bajaji mu duce tumwe twa Bujumbura

Insiguro y'amajwi, Imvo n’Imvano kw’iyirukanwa ry’amakinga, taxi-moto na bajaji mu duce tumwe twa Bujumbura

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 ukwezi kwa gatatu mu 2022.

Mu kiganiro c'uyu musi tuganira ku kibazo kimaze imisi mu Burundi giteye n'impari cerekeye iyirukanwa ry'amakinga, ama taxi-moto n'amabajaji mu turere tumwe na tumwe two mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Impamvu reta y'u Burundi itanga ngo n'ikibazo c'umutekano ku baba mu gisagara. Itariki 11 z'uku kwezi kwa gatatu, niyo tariki ntarengwa ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu - ari bwo bunajejwe umutekano - bwari bwahaye ivyo bikoresho ngo bizobe vyatanguye gukurikiza ingingo zishasha zigena aho bigarukira.

Izo ngingo na zo ngo zikaba zisunze igitigiri kinini c'abantu bapfa buri mwaka bazize amasanganya ahanini yagirizwa amamoto, amakinga n'amabajaji. Igisata gicungera uruja n'uruza mu mabarabara mu Burundi kimenyesha ko mu mwaka wa 2021-2022 abahitanywe n'amasanganya bashika 130.

Hari abashikirije amakenga kuri iyo ngingo ko atari nziza haba ku basanzwe bunguruza abantu bakoresheje ubwo buryo no ku bo bunguruza, basaba ko yobanza ikigwa neza, hagatangwa umwanya wo kwitegura, ariko abategetsi bavuze ko itegerezwa gushirwa mu ngiro ata kindi gisabwe.

Amashirahamwe abiri ata ho yegamiye muri politike - Olucome na Parcem - na yo yaramenyesheje aho ahagaze, asaba ko reta yoba iratenyenya mu gushira mu bikorwa iyo ngingo, ariko nta co vyashitseko. Ikiringo c'imisi cumi gusa ni co congewe abatunze ivyo vyuma vyunguruza abantu kugira bavyandikishe, bitangure gukora vyisunze amategeko mashasha.

Mw'isekeza ryatunganijwe n'abategetsi b'igisagara ca Bujumbura ryo gusigura uwo mugambi, habajijwe ibibazo vyinshi, ariko ntivyabujije ko iyo ngingo yemezwa burundu. Amashirahamwe y'abagendesha ivyo vyuma avuga ko atagishijwe inama.

Ibiharuro vyerekana ko mu gisagara ca Bujumbura hari taxi-moto 8000, bajaji 4275 hamwe n'amakinga 8124.

Abahora bagendesha ivyo vyuma bagiye kuba abande? Abahora biyunguruza bakoresheje ubwo buryo bagiye kubigenza gute? Reta yoba yarategekanije ubundi buryo bwo kwiyunguruza bugiye gusubirira ama taxi-moto, bajaji n'amakinga? Mbe amakompanyi ya 'assurance' (ubwishingizi) abivuga ko iki?

Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro c'Imvo n'Imvano mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri kino kiganiro rero, mugiye kuba hamwe na Jadot Nzitunga arongoye ishirahamwe ry'aba taxi-moto. Turi kumwe kandi na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem rigwanya igiturire, ka mwana wa mama no guhindura ingendo. Turi kumwe kandi na Tatien Sibomana yaserukiye amakompanyi y'ama 'assurance'. Hamwe rero na Désiré Nduwimana avugira igipolisi c'Uburundi.