Iran: Abakora ubumaraya baguma baba benshi mu kurondera kubaho

Ubutegetsi bwa Iran kuva kera bwamye buhakana ko mu gihugu hari abakora akazi k'ubumaraya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa Iran kuva kera bwamye buhakana ko mu gihugu hari abakora akazi k'ubumaraya
    • Umwanditsi, Na Amir Nategh
    • Igikorwa, BBC News

"Ndamaramazwa n'ivyo nkora, ariko none hari ukundi ndi bugire?" uwo ni Neda, umugore yahukanye i Tehran, umugwa mukuru wa Iran.

Ku murango akora muri salon yo gutunganya imishatsi, ariko mw'ijoro aca akora akandi kazi ka kabiri nka maraya, kuko asanga ata kundi yogira atari ugushora umubiri wiwe mu busambanyi kugira aronke ingene abaho ukwezi kwose.

Abandanya avuga ati: "Mba mu gihugu aho abagore batubahwa, ubutunzi bugeze ahatemba, ibiciro vy'ibintu vyose navyo biduga hafi buri munsi. "Ndeze umwana jenyene. Ntegerezwa kwitaho umuhungu wanje. Ubumaraya buhemba amafaranga meza, ubu mfise imigambi yo kugura inzu ntoya mu gisagara. Urwo nirwo ruhande rubabaje rw'ubuzima bwanje. Mu vy'ukuri, ngurisha umushaha wanje."

Mu 2012, igihugu ca Iran cashinze umugambi w'igihugu wo kurwanya ubumaraya. Ariko ku bw'ivyegeranyo bitari ivy'inzego z'igihugu bitangwa n'amashirahawe ategamiye reta (ONG/NGO) n'abashakashatsi, igitigiri c'abakora akazi k'ubumaraya ahubwo cagumye kiduga.

Ubutegetsi bwa Iran bushingiye kw'idini kandi buguma ku ngendo ya kera bwamye buhakana ko muri ico gihugu haba abakora akazi ko gucuruza igitsina. Ahubwo, abategetsi bavuga ubumaraya nk'uko woba ari umugambi w'abanyaburaya ugamije guhuvya abakiri bato, canke bakagiriza abagore guhendwa n'abagabo b'ibipfamutima.

Ibiharuro bitemewe icese vyerekana ko akazi k'ubumaraya kaguma kijukirwa n'abakiri bato.

Ibiharuro bitaremezwe n'inzego z'igihugu bitangwa n'amashirahamwe ategamiye reta atandukanye vyerekana ko mu 2016 mu bakora ubumaraya harimwo abana b'abakobwa batarenza imyaka 12.

Aftab Society, ishirahamwe ritegamiye reta ryitaho gufasha abagore batwawe n'ibiyovyabwenge muri Iran, ryavuze mu 2019 ko hashobora kuba hari abamaraya b'abagore 10.000 ku mugwa mukuru, muri abo 35% bakaba ari abafise abagabo bubakanye.

Ku bwa Amir Mahmoud Harrichi, umwigisha w'imibereho myiza kuri kaminuza ya Tehran, igitigiri c'abagore bakora akazi k'ubumaraya muri Tehran gishobora kuba kiruta aho incuro zibiri.

Ugereranije n'ingene ubuzi bugoye kuronka ku bagore muri Iran n'ukuba ata kungana ku bagore n'abagabo kubaho, abagore benshi babayeho munsi y'urugero rw'ubukene basanga ata kundi bari bugire atari ugucuruza imibiri yabo. Ariko ako kazi gashobora kubamwo ibibazo bikomeye.

"Abagabo barazi ko ubumaraya butemewe n'amategeko muri Iran kandi ko buhanishwa ibihano bikomeye cane ku bagore, ivyo baca babikoresha ku nyungu zabo," bivugwa n'umwe mu bakora akazi k'ubumaraya ka rimwe rimwe, Mahnaz, umunyeshure kuri kaminuza i Tehran.

"Vyaranshikiye kenshi gusambana n'umuntu ariko ntampembe kandi sinashobora kuja kumwitwarira ku bategetsi."

Mahnaz avuga ko kuba muri Tehran bizimvye cane kandi ko gukora ubundi buzi bitomuha amafaranga akwiye yo kuriha ibikenewe kugira abeho.

'Mariage zo kwiryohera'

Kuva habaye habaye amahinduka ya 'Revolution Islamique' muri Iran mu 1979, abakora akazi k'ubumaraya batari bake barishwe banyonzwe n'ubutegetsi bushasha hanyuma amazu y'ubumaraya nayo arugarwa.

Mu twigoro two kurondera ko ikoreshwa ry'abagore mu bumaraya vyemerwa, haciye hatangura kuba ikizwi nka zawaj al-mutaa canke "mariage zo kwiryohera"- ni ukuvuga gusezerana kwubakana n'umuntu ku kiringo gifise aho kigarukira hamwe n'ico uha uwo mugore w'igihe gito.

Ku mategeko ya Iran ashingiye kuri Islam y'aba- Shia, mariage ya mutaa iremewe, kandi ntifatwa ko ari ubumaraya. Ivyo birakorwa cane mu bisagara vyeranda vya Mashhad na Qom, bigenderwa n'abaja mu ngendo ntagatifu bava irya n'ino kw'isi.

Video ku mbuga hwaniro zirerekana abagabo b'abanya-Iraq bariko bararondera abamaraya muri Mashhad, aho abategetsi basigura ko baba barondera abo bagiranira amasezerano yo kwubakana igihe gito.

Ubu rero hasigaye hari ibigo bidaharurwa bitunganya ubugeni bwa mutaa kuri internet muri Iran, bigakorera kuri Telegram na Whatsapp, ababikora bakavuga ko bafise impusha za reta.

Ubuzima bwarazimye cane muri Iran, gushika ko bamwe badashobora kuronka ivya nkenerwa vy'ibanze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubuzima bwarazimye cane muri Iran, gushika ko bamwe badashobora kuronka ivya nkenerwa vy'ibanze

Kimwe mu bituma ubuzima bubandanya buzimba cane bikanasigura igituma ubumaraya buguma bwiyongera ni ibihano vy'ubutunzi Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye Iran kubera umugambi wayo wa nikleyeri. Kuva mu mwaka uheze, ibiciro muri Iran vyaraduze gushika ku rugero rwa 48.6%. Ubushomeri nabwo bwariyongereye mu gihe benshi mu bafise akazi nabo badahembwa neza.

Kubera ivyo kandi, igitigiri c'abagabo bafise hagati y'imyaka 20 na 35 basambana n'abagore kugira babahembe cagumye ciyongera. Ivy'uko abagabo bakora akazi k'ubumaraya biriko birakwira cane mu bisagara binini binini muri Iran.

Umwe muri abo, Kamyar, umugabo w'imyaka 28 akora akazi ko kwakira amafaranga mw'isoko rya kijambere (Supermache), yabana n'abavyeyi biwe gushika mu mwaka uheze kandi ntiyashobora kuriha ivyo akenera vyose adafashijwe na se. Ubu arashobora kwirihira aho aba mu gisagara hagati muri Tehran kandi yizeye ko umunsi umwe azoshobora kuja hanze.

Avuga ati : ''Abakiriya banje ndabakura ku mbuga hwaniro.

''Abo bagore akenshi baba bafise hagati y'imyaka 30 na 40. Igihe kimwe nararonse umukiriya afise imyaka 54. Bamfata neza, bakampemba neza kandi buri igihe nkarara iwabo. Hanyuma kubera bagenda barabwirana, nca ndonka abakiriya benshi cane."

Kamyar yahejeje amashure y'ubu 'ingenieur' ariko nta kazoza abona abafise mu gisata akunda cane kuva kera.

Avuga ati: "Namye nshaka kuba umu-ingenieur. Ariko nta kazi ndonka".

"Narakunze umukobwa ariko ntitwashoboye kwubakana kuko nta kazi gafadika nari mfise. Sinishimiye ivyo nkora ubu. Kuryamana n'abantu ntazi kugira bampe amafaraga sivyo vyari mu ndoto zanje ngikura. Urumva ko nyene numva maramara, ariko bimpa amafaranga yo kubaho. Ndi mu gihugu aho kubaho nabi arivyo vyonyene bindindiriye mu buzima bwanje."

Amazina y'abantu bakora akazi k'ubumaraya bari muri iyi nkuru yarahinduwe kugira umwidondoro wabo ukingirwe.

.