Ikigomogomo: Ico kimera co muri Ethiopia gisa n'igitoke coba ari 'inyishu' kw'ihindagurika ry'ibihe?

Ahavuye isanamu, RBG Kew
- Umwanditsi, Na Helen Briggs
- Igikorwa, Umunyamakuru wa Science
Abahinga bavuga ko ikimera citwa ikigomogomo (enset canke false bana/faux bananier), kimwe mu ndya mbumbarugo muri Ethiopia, gishora kuba ikiribwa kirumara kandi kigatabara benshi mw'ihindagurika ry'ibihe.
Ico kimera gisa n'igitoke gishobora kugaburira abantu barenga miriyoni 100 kw'isi iguma ishuha, nk'uko biri mu cigwa.
Ico kimera gisa nk'uko kitazwi cane hanze ya Ethiopia, aho gikoreshwa mu gukora umusururu n'umutsima/umukate.
Ubushakashatsi bwerekana ko ikigomogomo gishobora kuba ahantu henshi muri Afrika.
"Iki n'igiterwa gishobora kugira uruhara runini cane mu guhangana n'ubukene bw'indya hamwe n'iterambere rirama," bivugwa na Dr Wendawek Abebe wo kuri kaminuza ya Hawassa muri Awasa, Ethiopia.
Ikigomogomo (enset) canke "mwenewabo n'igitoke" n'ikimera gisa n'igitoke, ariko kiribwa mu gice kimwe gusa ca Ethiopia.
Icamwa c'ico kigomogomo ntikiribwa, ariko iteke ryaco rirashobora kuvamwo ifu ikorwamwo umusururu canke umutsima (ubugari).

Ahavuye isanamu, RBG Kew
Ikigomogomo n'indya iribwa cane muri Ethiopia, aho abantu bashika miriyoni 20 ari co bikorako nk'indya, ariko ahandi ntikirimwa, n'ubwo ivyo bisa vyo gahinga -vyo bifatwa nk'ibitaribwa - bimera ahandi gushika muri Afrika y'Epfo, vyerekana ko ico giterwa gishobora kumera ahantu henshi kandi hatandukanye.
Abahinga basanga ico giterwa gishobora kugaburira abantu barenga miriyoni 100 kingoreza amaragamo y'ivyo kurya muri Ethiopia no mu bindi bihugu vya Afrika, harimwo Kenya, Uganda n'Urwanda.
Uwakoze icigwa c'ubushakashatsi Dr James Borrell, wo kuri Botanic Gardens i Kew, yavuze ko gutera ikigomogomo nk'igiterwa c'integabizoza mu bihe vy'amapfa bishobora kwongereza kwirinda kubura ivyo kurya.
Avuga ati: "Gifise ivyo ciharije bituma kiba igiterwa ata kindi kimeze nka co.
"Ugitera igihe icari co cose, ugisoroma igihe icari co cose, kandi kibaho imyaka irenga ibiri. Nico gituma bacita igiti kirwanya inzara."
Ethiopia ni igihugu gikorerwamwo cane ivyigwa vyo kuraba ingene ibimera mu gahinga bishobora gukoreshwa n'abantu, ico gihugu gisanzwe kizwi kw'ikawa n'ibindi birimwa vyinshi bivamwo ivyo kurya.

Ahavuye isanamu, RBG Kew
Abategekanya ibihe bavuga ko ihindagurika ry'ibihe rizohungabanya cane umwimbu hamwe n'ugukwiragiza ivyo kurya mbumbarugo muri Afrika n'ahandi.
Hari rero ubushake bwo kurondera ibiterwa bishasha vyogaburira isi, mu gihe hasanzwe hari ubwoko buke bw'ibiterwa mbumbarugo.
Ica kabiri c'indya ntanganguvu zose ziva ku bwoko butatu bw'ibiterwa- umuceri, ingano hamwe n'ibigori.
Dr Borrell avuga ati: "Turakeneye kugwiza ubundi bwoko bw'ibiterwa mbumbarugo kw'isi yose kuko gushika ubu amagi yacu yose akoraniye mu gaseke gatoya".










