Covid - UK: Abagore bibungenze basabwa kudateba kwiteza urucanco

Umugore yibungenze ariko aracandagwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Becky Morton
    • Igikorwa, BBC News

Reta y'Ubwongereza itera akamo abagore bibungenze kudateba kwiteza urucanco rwa coronavirus.

Ikigo c'Ubwongereza citaho irondoka, Obstetric Surveillance System, kivuga ko abagore bibungenze barenga 96% basanzwe bari mu bitaro kubera Covid hagati y'ukwa gatanu n'ukw'icumi umwaka uheze ari abatari bw'ibicandagishe.

Iri sekeza rigiye gushira ku maradiyo n'imbuga hwaniro ivyemezo bitangwa n'abagore bibungenze bamaze kwiteza incanco.

Reta ivuga ko uru rucanco rumeze neza kandi ko ata ngorane rutera ku bijanye n'irondoka.

Mu kw'icumi na kabiri, umurwi ujejwe incanco warashize abagore bibungenze ku rutonde rw'abategerezwa gucandagwa imbere y'abandi bose, ukavuga ko bari mu bantu bari mu vyago vyinshi vyo kwandura Covid.

Hari umugore umwe kuri batanu mu bagore bari mu bitaro bibungenze vyabaye ngombwa ko bibarutswa imbere y'igihe kugira ngo babafashe kurokora ubuzima, mu gihe uruhinja rumwe kuri zitanu rwakeneye gukurikiranirwa hagufi, nk'uko bivugwa n'ikigo citaho amagara y'abantu, Department of Health and Social Care (DHSC).

Kuva mu kwa kane 2021, abagore bari biteguriye kuvyara barahawe urucanco rwa Pfizer-BioNTech canke rwa Moderna.

Hari abagore bibungenze 84.000 baronkejwe urucanco rumwe, nayo abarenga 80.000 bakaba bararonkejwe icanco zibiri za Covid-19 kuva ico gihe, nk'uko iki kigo kibivuga.

Igihe uwu mugambi wo gucandaga utangura mu Bwongereza, abagore bari bibungenze bahanurwa kwiteza urucanco mu gihe baba bari mu murwi w'abantu bashobora kugeramirwa canke bari mu bikorwa bishobora kubatuma bandura.

Sultana Ashiq yibarutse aya mahasa abanje gukorwa igihe yari muri coma kubera Covid
Insiguro y'isanamu, Sultana Ashiq yibarutse aya mahasa abanje gukorwa igihe yari muri coma kubera Covid

Dr Jen Jardine, wo kw'ishure kaminuza Royal College of Obstetricians and Gynaecologists, akaba amaze amezi indwi yibungenze mbere akaba yararonkejwe urundi rucanco rwo kwongereza ubudahangarwa, avuga ati:

"Jewe ubwanje nk'umuganga nkongera nkaba nibungenze, ndemeza ata nkeka ko incanco za Covid-19 zikingira neza wewe nyene hamwe n'uyo mwana ataravuka kugira ntimwandure uwu mugera.

"Nosaba nshimitse abagore bibungenze nkanje, nimba utararonka uru rucanco, ko wovugana n'umuganga agukurikirana canke umwakirizi mu gihe woba ugikekeranya hanyuma ugasaba uru rucanco uno musi nyene".

Prof Lucy Chappell, umuhanuzi mukuru mu bijanye n'ubuhinga mu kigo DHSC, avuga ati: "Kwiteza urucanco rwa Covid-19 ni kimwe mu bintu nkenerwa cane umugore yibungenze ashobora gukora uno mwaka kugira ngo yikingire yongere akingire umwana wiwe uwu mugera.

"Ubu dufise ivyemezo vyinshi vyerekana ko izi ncanco ari nziza kandi ko ingaruka ziterwa na Covid-19 zikomeye cane".

Ku wa Mungu, Ubwongereza bwaharuye abantu bashasha banduye bashika 141.472, hamwe na 97 bapfuye mu misi 28 kuva aho batorewemwo Covid.