Imvo n'Imvano ku musi mukuru wa Noheli abakristu kw'isi bibuka ivuka ry'umwana Yezu/Yesu

Insiguro y'amajwi, Imvo n’Imvano ku musi abakristu kw’isi bibuka ivuka ry’umwana Yezu/Yesu

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 ukwezi kwa 12 mu 2021. Imvo n'Imvano y'uyu musi yerekeye umusi mukuru wa Noheli, aho abakristu hirya no hino kw'isi bibuka ivuka ry'umwana Yezu/Yesu.

Buri mwaka, abemera Kristu imiliyoni n'imiliyoni hirya no hino kw'isi barahimbaza umusi mukuru wa Noheli. Noheli y'uyu mwaka, ibaye mu gihe ikiza Covid kibandanya kuvugwa mu bihugu bitandukanye kw'isi no mu gihe haherutse kugaragara ubundi bwoko bita Omicron bwandukira ku buryo bwihuta.

Muri kino kiganiro, twahisemo guha umwanya abakunzi b'Imvo n'Imvano bifuje kutubwira uko bariko barahimbaza umusi mukuru wa Noheli, ari na ko tugenda tubashikiriza uturirimbo dutandukanye two guhimbaza uyu musi.

None Noheli yiteguriwe gute muri iyi misi ikiza coronavirus cakwiragiye kw'isi? Ababa mu karere k'ibiyaga binini n'abari mu bindi bihugu eka mbere n'abari mu makambi y'impunzi bariko bayihimbaza gute?

Inyishu ni muri kino kiganiro. Mugiye kuba hamwe na Cyriaque Muhawenayo, muri studios za BBC i Nairobi.