Guinea yahagaritswe mw'ishirahamwe ECOWAS/CEDEAO kubera coup d'Etat

Abatembagaje ubutegetsi barekuye impfungwa zahagaritswe ku butegetsi bwa Alpha Condé

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abatembagaje ubutegetsi barekuye impfungwa zahagaritswe ku butegetsi bwa Alpha Condé

Guinée yahagaritswe mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Uburengero ECOWAS/CEDEAO inyuma y'aho igisirikare c'iki gihugu gitembagarije ubutegetsi bwa Alpha Condé ku wa Mungu, nk'uko bitangazwa n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Burkina Faso, Alpha Barry.

Avuga kandi ko iri shirahamwe ryasavye ko Condé arekurwa.

Iyi ngingo yafatiwe mu nama yahuje abategetsi b'iri shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu 15 hifashishijwe ubuhinga ngurukanabumenyi kugira ngo bavugane kuri iri tembagazwa ry'ubutegetsi bwakozwe n'ingabo zidasanzwe zirongowe na Colonel Mamady Doumbouya w'imyaka 41.

Yagiriza Condé w'imyaka 83 igiturire kirenze urugero n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.

Gushika ubu ntibizwi aho uyu yahoze arongoye iki gihugu ari, n'aho abamutembagaje bavuga ko ari mu mutekano ntangere.

Guinée ni kimwe mu bihugu vyimbura ubutare bwinshi bwa bauxite kw'isi, ubutare bukoreshwa mu guhingura aluminium, ibiciro bikaba vyaciye biduga kubera iri tembagazwa ry'ubutegetsi.

Umugwi w'abasirikare watembagaje ubutegetsi warekuye impfungwa za poritike zishika 80 zapfunzwe ku butegetsi bwa Condé.

Mu gihe c'imyiyerekano yo mu 2020 abashika 400 barapfunzwe.

Abenshi muri abo barekuwe ni abahagaritswe mu mwaka uheze mu gihe c'imyiyerekano mu gihugu cose yo kwiyamiriza ingingo ya Condé yo kwitoreza ikiringo ca gatatu.

Abantu isinzi bakoraniye imbere y'ibohero baja kwigina irekurwa ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Condé

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu isinzi bakoraniye imbere y'ibohero baja kwigina irekurwa ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Condé

Umunyamakuru wa BBC Alhassan Sillah akorera ku mugwa mukuru Conakry, avuga ko umwe mu mpfungwa zarekuwe akomeye cane ari Oumar Sylla, azwi kw'izina rya Foniké Mengué yisonzesheje igihe kitari gito mu kwa cumi na kabiri guheze mu kwerekana akababaro kiwe.

Ismaël Condé, umunywanyi w'umugambwe UFDG utavuga rumwe n'ubutegetsi, ariko ataco asana n'uwari umukuru w'igihugu, yavuze ati: "Ubu numva mfise umwidegemvyo, ndashimira mwebwe abanyagihugu".

Avuga ko yagize ibihe bibi mu gihe yari amaze mw'ibohero, ariko ko ubu yizeye kazoza keza k'igihugu ciwe.

Ati: "Biragoye kugira uronke ingene ubivuga, kwakwa ubwigenge bwawe amezi 12 yose kubera ibintu bitagira mvura nk'ibi, mu nyuma ukaza kurekurwa mu buryo nk'ubu, ni ibintu udashobora gusigura".

Ku wa kabiri, umunyaporitike akomeye mu batavuga rumwe n'ubutegetsi yarashigikiye isenyurwa ry'ubutegetsi bwa Condé, akavuga ko ari akaryo keza ko gutangura ubuzima bushasha.

Cellou Dalein Diallo avuga ko uyu murwi w'abasirikare watembagaje ubutegetsi wakoze ibintu bikomeye, ariko akaba yabasavye gushira imbere kunywanisha igihugu cose.

Iri tembagazwa ry'ubutegetsi muri Guinea rigize kane mu karere ka Afrika y'Uburengero kuva mu kwa munani 2020.

Harabaye coups d'Etat zibiri muri Mali hamwe n'iyindi yaburijwemwo muri Niger.