Tokyo Olympics: umunya Algeria akina judo yikuye mw'ihiganwa ku kwanka guhura n'umunya Israel

Nourine yatangaje ko yivumbuye hasigaye akanya gato ngo bagenziwe bijire mu birori vyo kwugurura izo nkino za Olempike vyabaye ku wa gatanu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nourine yatangaje ko yivumbuye hasigaye akanya gato ngo bagenziwe bijire mu birori vyo kwugurura izo nkino za Olempike vyabaye ku wa gatanu

Umujudoka wa Algeria, Fethi Nourine, yahagaritswe kandi akaba agiye kurungikwa mu gihugu inyuma y'aho yivaniye mw'ihiganwa kugira ntahave ahura n'umunya Israel mu mikino ya Olempike i Tokyo2020.

Nourine w'imyaka 30 yohuye n'umunya Sudani Mohamed Abdalrasool ku wa mbere mu mikino ya mbere ya judo ihuza abagabo barenza 73kg .

Intsinzi kuri we isigura ko yociye ahura n'umunya Israel Tohar Butbul mu rukino rukurikira.

Avugira ku mboneshakure ya Algeria, yavuze ko yumva ko atari gushobora kubandanya ihiganwa kubera ko ashigikiye abanya Palestina muri ya ntambara ibahuza n'Abayahudi.

Nourine kandi yaheruka kwivumbura mu mahiganwa mpuzamakungu yo mu 2019, i Tokyo nyene, inyuma y'uko ahujwe na Butbul - uyu akaba yaciye atsinda impaga maze arengana mu gice gikurikira.

Amar Ben Yaklif, umumenyereza wa Nourine, yabwiye ibinyamakuru vya Algeria ati: "Twatomboye nabi. Twasanze tuzohura n'umunya Israel, ni co gituma twakuyemwo akarenge. Niyo ngingo nyayo twafashe".

Ejo ku wa gatandatu, ishirahamwe mpuzamakungu rya Judo (IJF) ryavuze ko amajambo yashikirijwe n'aba bantu babiri "ateye kubiri cane" n'ingingo ngenderwako ry'iri shirahamwe.

Nourine n'umumenyereza wiwe bompi bahagaritswe mu gihe bakirindiriye amatohoza azokorwa na IJF, ni mu gihe komite Olempike ya Algeria nayo yaciye ibaka uburenganzira bwo kubandanya bari i Tokyo, ikaba "itegura kubasubiza mu gihugu".

Igisata kijejwe indero muri IJF nico kizofata ingingo ntabanduka ku gihano bakwiye kuronswa, mu gihe kandi biteze guhanwa na Komite Olempike ya Algeria.

IJF yafashe ingingo yisunze amategeko ya Olempike avuga ko "ata myiyerekano iyo ari yo yose, yaba iyishingiye kuri poritike, kw'idini canke ku rukoba, yemewe mu bigo, mu bibanza canke aho ari ho hose hafitaniye isano na Olempike".

Intambara hagati ya Israel na Palestina imaze imyaka mirongo n'iyindi, aho mu 2021 haherutse kuba imishamirano ikomeye yavuyemwo ugutana mu mitwe mu karere ka Jerusalem karwanirwa.

Imbere y'aha, hari n'abanonotsi bo mu bindi bihugu, harimwo abo muri Iran na Misiri, banse guhiganwa n'abanya Israel.

Iran yarahagaritswe mw'ishirahamwe mpuzamakungu rya judo (IJF) mu kiringo c'imyaka ine, inyuma y'aho itegekeye Saeid Mollaei kuva mu mahiganwa mpuzamakungu ahuza abanonotsi ( Championnats du monde d'athlétisme/World Athletics Championships) mu Buyapani mu 2019.