Amafoto yaranze Afrika : kuva itariki 23-29 z'ukwa kane 2021

Amafoto meza yaranze indwi yatororokanijwe ku mugabane wa Afrika n'ahandi.:

Umupfasoni yatubitse igisandasanda mu mutwe ariko aramwenyura

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanye Ethiopia b'abakristu b'aba Orthodox bariko barahimbaza umusi w'Imana w'ibisandasanda muri Israel...
Abakozi b'Imana bambaye impuzu zera n'imisaraba y'inzahabu bafise amashami y'ibisandasanda imbere y'uko imisa itangura

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Uwo musi mukuru mweranda wibutsa ivyanditswe muri Bibiliya aho Yezu Kristu yinjira i Yeruzalemu
Abapfasoni bambaye amakanzu yera binjiyemw'isengero

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abakristu bahejeje amasengesho mw'isengero rya Holy Sepulchre mu gisagara ca kera ca Yeruzalemu
Ukwezi kunini kugaragara gusa n'umucungwe ugishiye mu kirere mw'ijoro

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umusi wakurikiye ukwezi kunini - witwa gutyo kubera kuba kwegereye isi cane guca kuboneka ari kunini kandi kugaragara gusumba uko bisanzwe
Indya zisosa zigaragara iruhande y'abaguzi n'abadandaza

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibintu bisosa vyo mu Misri bigaburwa mu gihe ca Ramadan bigurishwa ku maduka muri West Bank
Abapfasoni bapfunzwe bariko baratamba igihe abanyororo batangura kurekurwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa mbere, abanyororo ibihumbi n'ibihumbi bo mu mabohero yuzuye cane mu Burundi bararonse ikigongwe c'umukuru w'igihugu
Igisirikare kiriko kirakizura gica mu kayira iruhande y'umwana w'umukobwa yambaye agapfukamunwa ko kwirinda Covid-19

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatandatu, muri Madagascar abasirikare bariko barakizura ku mugwa mukuru i Antananarivo, aho hari hatangajwe umukwabu mu kwirinda ikwiragira rya coronavirus
Imodoka yo muri Rally iciye mu kiziba

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abadereva basiganwa n'imodoka baciye mu kiziba mw'isiganwa rya African Championship i Nakuru muri Kenya.
Umugabo afise igitabo c'urwibutso ku maziko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatanu abantu ibihumbi n'ibihumbi baritavye amaziko y'uwahoze ari prezida wa Tchad Idriss Deby yiciwe ku rubuga rw'intambara

Aya mafoto yose tuyafitiye uburenganzira bwo kuyakoresha