Russia - Burundi: Vyashitse ku masezerano yo gufashanya mu rwego rwa nikleyeri

Ahavuye isanamu, rosatom
Uburundi n'Uburusiya vyateye igikumu ku masezerano yo gufashanya mu mugambi wo gukoresha mu nzira y'amahoro inguvu za nucleaire.
Ikigo ca reta y'Uburusiya ROSATOM kijejwe inguvu za nucleaire kimenyesha ko ku ruhande rw'Uburusiya aya masezerano yateweko igikumu na Nikolai Spassky icegera c'umukuru w'ico kigo.
Ku ruhande rw'Uburundi, umushikiranganji w'amazi, ubutare n'agataka, Abraham Uwizeye, niwe yaserukiye reta.
Aya masezerano niyo ya mbere mu mugambi wo gukoresha mu buryo bw'amahoro bene izo nguvu hagati y'Uburundi n'Uburusiya.
Uru rwandiko ni umushinge wo gufashanya mu bisata bitandukanye, cane cane kwubaka ikigo c'inguvu za nucleaire mu Burundi, gutegura imigambi yo gukangurira abanyagihugu kumenya ibijanye n'ubuhinga bwa nucleaire, gutunganya imigambi yo gukoresha bene ubwo buhinga mu mahinguriro, uburimyi n'ubuvuzi, nk'uko bivugwa n'itangazo rya ROSATOM.
Uburundi bubaye ikindi gihugu gishasha mu karere kigiranye amasezerano nk'aya na ROSATOM inyuma y'u Rwanda na Uganda mu 2019.
U Rwanda rwumvikanye n'ico kigo kwubaka ikigo c'ibijanye n'izi nguvu, kandi umwaka uheze reta y'u Rwanda yashizeho 'urwego rushinzwe inguvu za atomike', ivyo umugambwe Green Party of Rwanda wavuze ko ubona bidakenewe.
Uretse ugufashanya hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Afrika, iki gihugu ni n'umucuruzi akomeye w'ibirwanisho ku bihugu vya Afrika, n'aho vyinshi kibigurisha muri Asia.
Hagati ya 2014 - 2018, umugabane wa Afrika - havuyemwo Misiri - waguze 17% vy'ibirwanisho Uburusiya bugurisha mu mahanga nk'uko bivugwa n'ikigo Stockholm International Peace Research Institute (SIPRI).










