China: Agafukamaso k'inzahabu kamaze imyaka 3.000 kiganywe cane kuri internet

Ahavuye isanamu, Weibo/Sanxingdui Museum
Agafukamaso (masque) k'inzahabu kambarwa mu birori kamaze imyaka 3.000 kashwangamuye abantu ku mbuga hwaniro ku buryo butari bwitezwe inyuma y'aho gatorewe mu ntara ya Sichuan.
Ako kagenegene ni kamwe mu tundi 500 twaranze imyaka yitwa iya Bronze bwatowe ahitwa Sanxingdui harondererwa ibisigarira biri mu kuzimu biranga kahise.
Abahinga bavuga ko ugutora ako kantu bishobora kubaha izindi nzira zo kumenya vyinshi ku ntwaro ya kera ya Shu, yaganje ako karere imbere ya 316 imbere y'umuzo wa Yezu Kristu.
Ariko ako gafukamaso k'uruhande rumwe katumye hakwiragira kuri internet agafukamaso k'akiganano k'ako katowe mu Bushinwa hamwe n'ama video yo kugahayagiza.
Aho hamariye gutangazwa ivyatowe ku wa gatantatu, abakoresha urubuga hwaniro rwa Weibo baciye batangura gukora ibicapo bavyambika mu maso y'amasanamu azwi cane mu karanga.
Hashtag "Sanxingdui gold mask photo editing competition" yabonywe incuro hafi miriyoni 4, abantu bashimagiza ako gafukamaso " k'ikigitangaza" kandi "keza".

Ahavuye isanamu, Weibo

Ahavuye isanamu, Weibo

Ahavuye isanamu, Weibo
Abategetsi b'inyubakwa ndangakaranga ya Sanxingdui - kimwe mu bibanza bikomeye vy'ibisigarira biranga kahise mu Bushinwa - nabo ntibatanzwe.
Banditse kuri Weibo nabo berekana iciganano cabo ngo: "Mwaramutse. Tuvyutse dusanga umenga abandi bose birukiye `ibicapo?"

Ahavuye isanamu, Weibo
Iyo nyubakwa ndangakaranga yanasohoye video y'umuziki urimwo ibicapo vyerekana ako gafukamaso n'utundi tugenegene , mu gihe indirimbo y'umudiho wa rap yakozwe n'umuremesha ibiganiro kuri television ishimagiza ubwenge bw'abakera nayo yabaye rurangiranwa kuri internet.
Si ubwa mbere akagenegene ko mu Bushinwa gashwangamura abantu bakoresha imbuga hwaniro - mu kwezi kw'umunani , akandi kagenegene ka kera basanze gasa `n'ingurube zikinishwa mu gakino ka video kazwi cane ka Angry Birds.
Uretse ako gafukamaso, abashakashatsi b'aho Sanxingdui baratoye kandi ibindi bintu bikozwe muri bronze, inzahabu , ibindi mu masenga y'inzovu, jade na soie.
Ubuyobozi bujejwe akaranga mu gihugu buvuga ko ivyo vyose vyatowe mu binogo bitandatu vyo "guhereza imbagwa" aba Shu bakoresha mu gutanga ''imbagwa'' mu bisabisho vy'ukuroranirwa n'amahoro".
Ibisigarira vya Sanxingdui vyatowe ku gihamana n'umurimyi mu 1929. Gushika ubu ibintu bishika 50.000 vyakoreshejwe kera biramaze kuzurwa muri ico kibanza kiri nko ku 60km uvuye mu gisagara ca Chengdu.










