Danmark igiye kwubaka 'izinga rya mbere ry'umuyagankuba' muri North Sea

Illustration of the world's first energy island with rows of turbines in the sea

Ahavuye isanamu, Danish Energy Agency

Insiguro y'isanamu, Izinga ridasanzwe rikikujwe n'ivyuma bitanga umuyagankuba uvuye ku muyaga bifise uburebure bwa metero 260 z'uburebure

Abanye politike bo muri Danmark batanze uburenganzira bwo kwubaka izinga rinini cane rishobora gutanga umuyagankuba w'amazu imiliyoni zitatu.

Iryo zinga rya mbere kw'isi rizoba ringana n'ibibuga 18 vy'umupira w'amaguru, ariko hari icizere co kwagura gushika ku ncuro zitatu z'ubwo buringanire.

Iryo zinga rizokoreshwa n'ivyuma bitanga umuyagankuba uvuye ku muyaga binini cane bishika 200.

N'umugambi munini cane w'ubwubatsi muri kahise ka Danmark, watwaye amahera yoba ashika ku miriyaridi 210 y'ama kroner (Imiriyaridi 34 z'amadolari).

Iryo zinga riri ku birometero 80 hagati mw'ibahari, reta izoba ifisemwo igice, ariko ikindi gice kizoba ari ico abikorera utwabo.

Iryo zinga ntirizotanga gusa umuyagankuba ku banyagihugu ba Danmark, n'ibihugu bibanyi bizoronka.

N'aho ivyo bihugu bitaramenyekana, Prof Jacob Ostergaard wo kuri kaminuza yigisha ubuhinga ya Danmark yabwiye BBC ko Ubwongereza, Ubudagi na Hollande bishobora kuba birimwo.