Ikete rivuye muri Africa kuri US: Uyu mugabane ntugikeneye kwigishwa na America

Joe Biden muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Joe Biden, igihe yari icegera c'umukuru w'igihugu, yabwiye Abakenya mu 2010 ko atari aje kubigisha

Mu rukurikirane rw'amabaruwa y'abanyamakuru ba Afrika, Waihiga Mwaura, umunyamakuru wa Kenya, arihweza ivyo uyu mugabane ushobora kwitega ku butegetsi bw'umukuru w'igihugu mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden.

Short presentational grey line

Itapi itukura yarashashwe, abatumire baraza, umutekano uracungerwa bikomeye, hanyuma Joe Biden arashika maze ashikiriza ijambo.

Aha hari i Nairobi mu 2010, igihe Abakenya basidukana n'iyonka kugira ngo bumvirize ijambo ry'uyo yari icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika ico gihe.

Mw'ijambo yatanguje ari ryo risanzwe rivugwa iyo umuntu ashaka kwigisha abantu, Biden ati: "Nibaza ko ivyo ndiko ndavuga bidahava biba nk'icigwa ndiko ndabaha".

Yashimangiye ati: "Si ndiko ndabigisha. Ariko vyinshi mu butunzi bwanyu vyaratakariye mu biturire ariko nta n'umwe mu bategetsi bo hejuru yigeze arengutswa ngo abazwe ibi vyaha".

Perezida Donald Trump na Muhammadu Buhari wa Nijeriya bagiranye ikiganiro n'abanyamakuru muri Maison Blanche/White House ku wa 30 z'ukwa kane 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump na Muhammadu Buhari wa Nijeriya bagiranye ikiganiro n'abanyamakuru muri Maison Blanche/White House ku wa 30 z'ukwa kane 2018

Nari umwe mu bari aho, kandi ico gihe, Amerika yari urumuri rwa demokarasi n'intwaro ishingiye ku mategeko, igihugu c'umwidegemvyo n'ubutwari, aho umuntu wese yarota ashaka kuba.

Mu myaka cumi gusa, vyinshi vyarahindutse.

Ubwo none Biden hari ico yosubira kutwigisha mu gihe yofata ingingo yo gusubira kugendera Kenya?

Perezida Donald Trump, muri politike yiwe ya 'Amerika Imbere ya Vyose' (America First), yarahinduye ishusho ya Amerilka mu makungu. Ariko kandi iiyo shusho nayo yahinduwe biciye mu bikorwa vyiwe n'amajambo yavuga - tutibagiye ko yirukanye ibihugu vya Afrika abicishije mu majambo y'akagaye n'agakengere.

N'aho ibiro vy'umukuru w'igihugu bishobora gutandukanywa n'umuntu ku gatwe kiwe, Perezida Biden, afatiye ku myaka ine iheze, ategerezwa kuvugana na Kenya hamwe n'ibindi bihugu vya Afrika, akoreshejej irindi jwi kandi akaza afise ubutumwa butandukanye.

'Ntikiri igisagara gisayangana'

Uburorero bw'ingene Trump yahonyanze akaranga n'imico ngenderwako, bigatuma acafuza Amerika, ni twinshi ku buryo umuntu atobivuga ngo abiheze mu mwanya muto.

Ariko, hampande y'uko yananiwe no kuriha amatagisi, agatesha agaciro inzego z'igendereza kandi akagarariza abahinga mu gihe igihugu gihanzwe n'ikiza karanda ca Covid-19, ivyabaye ku wa 06 z'uku kwa mbere, aho abanywanyi biwe batera ingoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol, vyarerekanye ko amazi yarenze inkombe.

Perezida Joe Biden yaciye atangura ibikorwa ubwo nyene ahejeje kurahiraku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Jim Lo Scalzo / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Joe Biden yaciye atangura ibikorwa ubwo nyene ahejeje kurahiraku wa gatatu

Amerika ntiyari ikiri igisagara gisayangana.

Abantu batanu barapfuye igihe abagumutsi bagerageza guhagarika ikoraniro rusangi ry'inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ngo zemeze intsinzi ya Biden, ibi bikaba vyatumye uyo yahoze ari umukuru w'igihugu yagirizwa ko yashatse gutembgaza ubutegetsi.

Amakungu yariko arihweza ibiriko biraba n'ubwoba bwinshi, igihe ibintu vyonyene twashoboye kubona - niko nobivuga - ari ibintu bisanzwe biba mu bihugu demokarasi isanzwe igoyagoya.

Abanyamakuru ba Kenya si bo bonyene bavuga ko ibiriko biraba muri Amerika ari "agahomerabunwa" kandi ko ari "ibiterasoni" - banavuga ko Trump "amaramaje".

Abanywanyi ba Perezida Donald Trump bateye ingoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aha hari ku wa 06 z'ukwa mbere igihe abanywanyi ba Trump batera uruhagarara ku ngoro y'amakoranior ya Amerika, Capitol, kugira baburizemwo igikorwa c'inama nshingamateka na nkenguzamateka co kwemeza intsinzi ya Joe Biden

Ya majambo yahora abwirwa ibihugu bikengeretse ngo "Repuburika y'akajagari (République bananière/banana republic), ngo "igihugu capfuye" (failed state) hamwe na "demokarasi igoyagoya" (fragile democracy), niyo yakorehsejwe kuri Amerika yo nyene ubwayo.

Perezida Biden ashitse ku butegetsi azi neza ko amakungu atacubaha Amerika nk'uko vyari bimeze.

Ibi bishobora kugira ingaruka mbi ku bijanye n'intwaro ibereye kuri uyu mugabane.

Abakuru b'ibihugu vyo kuri uyu mugabane ntibagitinya Amerika kandi ubu bizoba ari ibisanzwe guhonyanga imigirwa y'intwaro rusangi.

Mu gihe Uganda yariko yitegurira amatora aheruka, Perezida Yoweri Museveni yabwiye umunyamakuru w'imboneshakure Channel 4 ko kubona ubutegetsi bwiwe bwarakubaguye abari mu myiyerekano vyakozwe mu ntumbero yo gukinga kugira ngo ivyabaye i Washington ntibihave biba muri Uganda.

Mu majambo akunzwe gukoreshwa mu gisirikare, kuva imyaka itari mike, Amerika yamye ifatwa nk'igipolisi c'isi, nayo iyo hageze kuvuga imico y'intwaro rusangi, yamye yitwa igihugu gihagarariye demokarasi.

Ariko none muri kino gihe, ubwo imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu bihugu nka Kenya, yokwizera ko Washington izobafata mu mugongo igihe c'amatora kigeze?

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda Bobi Wine yatabaje Amerika ko yotera igitsure reta mu gihe c'amatora n'inyuma yayo, ariko bamwe baribaza nimba hari ico vyari gufasha mu gihe ico gihugu cari carengewe n'indyane hagati mu gihugu.

N'aho umutekano wari wakomejwe bidasanzwe, harabaye ihererekanwa ry'ubutegetsi nk'uko amategeko abitegekanya, hanyuma inama nshingamateka na nkenguzamateka zirasubira ku bikorwa, ibi bikerekana ko inzego zikomeye zishobora kurengera inyungu z'umuntu umwe.

Hanyuma kandi, Perezida Biden ubu arashobora kwumva umubabaro abanyagihugu bagira wo kuba mu gihugu aho abari ku butegetsi bashobora guhonyanga amategeko uko bishakiye.

Hagati aho, akeneye kugenda yitonda cane ku bijanye n'imigenderanire na Afrika, kandi yitondere cane amajambo azoba agomba gushikiriza.