US: Inama nkenguzamateka yunguruje urubanza rwa Trump mu kwezi kuza

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yavuye muri Maison Blanche k uwa gatatu, atera akagere ibirori vyo kwimikwa kwa Perezida Biden

Abakenguzamateka b'aba Democrats n'aba Repubulika bumvikanye ko urubanza rugira kabiri rwa Donald Trump ruzotangura mu kwezi kuza.

Ku wa mbere, abashingamateka bo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats) bazorungikira inama nkenguzamateka ibirego bijanye kuri Trump vyo "guteza imigumuko".

Ariko rero, urubanza nyezina ruzotangura mu ndwi yo ku wa 08 z'ukwa kabiri, aho hakaba ari mu ntumbero yo guha akanya ababuranira Trump gutegura kumuregura.

Aba Democrats bagiriza uyu yahoze ari umukuru w'igihugu ko ari we yakokeje imigumuko yo ku wa 06 z'uku kwa mbere ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika Capitol, i Washington.

Mu ndwi iheze, niho Inama nshingamateka yemeza ko Trump yocirwa urubanza rwo kumubogoza imwagiriza ko yateje iyo migumuko yaguyemwo abantu batanu.

Uru rubanza rugira kabiri ruzotangura haciye hafi umwaka inyuma y'aho inama nkenguzamateka imwejeje ku birego vy'uko yakoresheje ukutari ko ububasha ahabwa n'ubutegetsi bwiwe. Uru rwavuga ko yateye igitsure umukuru w'igihugu wa Ukraine kugira ngo afashe guteza urubwa Biden n'umuhungu wiwe.

Ikiringo ca Trump carangiye ku wa gatatu, maze nawe aca ava i Washington, ateye akagere ibirori vyo kurahira kw'uwamusubiriye, Joe Biden.

None abarongoye inama nkenguzamateka bumvikanye iki?

Ejo ku wa gatanu, umukuru w'abakenguzamateka b'aba Democrat Chuck Schumer yavuze ko inama nshingamateka izoshikiriza ibirego vyo kubogoza Trump ku wa mbere w'indwi iza.

Yabwiye abakenguzamateka ati: "Inama nkenguzamateka izoburanya Donald Trump. Ruzoba urubanza rwo nyarwo. Ruzoba urubanza ruzira akarenganyo".

Abakurikirana uru rubanza ku ruhande rw'aba Democrats - ni ukuvuga abashingwamanza mu nama nshingamateka bazoba bafise uruhara rw'abashikirizamanza mu gihe inaka nkenguzamateka izoba ishashe - bazorahizwa ku wa kabiri.

Ibiro vy'umukuru w'abakenguzamateka b'aba Repubulika, Mitch McConnell, bivuga ko Schumer yanezerewe cane kubona igisabo ciwe co guha umwanya ababuranira Trump cemewe, kandi ko urubanza nyezina ruzotangura ku wa 09 z'ukwa kabiri.

Itangazo yasohoye rivuga riti: "Cane cane ko ari urubanza rwihutishijwe cane mu nama nshingamateka, Abarepubulika bipfuza ko intambwe zikurikira mu nama nkenguzamateka zubahiriza uburenganzira bwa Trump kandi agacirirwa urubanza rutagira agahonzi, zikubahiriza kandi urwego rw'inama nkenguzamateka hamwe n'ibiro vy'mukuru w'igihugu.

Aho Donald Trump yari asezeye Washington hasigaye akanya ngo Joe Biden arahire ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aho Donald Trump yari asezeye Washington hasigaye akanya ngo Joe Biden arahire ku wa gatatu

"Iyi ntumbero yarashitsweko. Ni intsinzi ijana ku rubanza rutagira agahonzi kandi rutunganiriza impande zompi".

Maison Blanche/White house ihagaze he?

Ejo ku wa gatanu, Perezida Biden yavuze asa n'uwushaka gusaba ko urubanza rwigizwa inyuma.

Yabwiye abanyamakuru ko kubera hari ibibazo vyihuta ashaka gushira imbere y'abashingamateka: "Turonse umwanya ukwiye wo gukora kugira duhangane n'ibi bibazo, nivyo vyiza gusumba".

Hagati aho, ibiro vy'umukuru w'igihugu ntibivuga nimba Perezida Biden yipfuza ko Trump akubitwa intahe mu gahanga.

Abajijwe ico kibazo ejo ku wa gatanu, umunyamabanga mu biro kwa perezida ajejwe kumenyesha amakuru, Jen Psaki, yishuye ati: "Joe Biden ntakiri mu nama nkenguzamateka, rero ni aho inama nkenguzamatekan na nshingamateka gufata ingingo kuri uyu yahoze ari umukuru w'igihugu".

None Trump azohava akubitwa intahe mu gahanga?

N'aho aba Democrats ari bo benshi ubu mu nama nkenguzamateka, bazokenera kuronka n'imiburiburi aba Repubulika 17 kugira ngo bakubite intahe mu gahanga Trump, kubera hakenewe bibiri vya bitatu.

Ariko umukenguzamateka w'umu Repubulika Roger Wicker, wo muri Mississippi yabwiye CNN ejo ku wa gatanu ati: "Nta mahirwe ahati yo kumukubita intahe mu gahanga".

Abakenguzamateka b'aba Repubulika batanu gusa - Mitt Romney wa Utah, Lisa Murkowski wa Alaska, Ben Sasse wa Nebraska, Susan Collins wa Maine hamwe na Pat Toomey wa Pennsylvania - nibo baboneka ko bashobora kuzomwiyonkorako.

Trump niwe azoba abaye uwa mbere aburanishijwe n'inama nkenguzamateka yamaze kuva ku butegetsi. Nta mukuru w'igihugu arigera akubitwa intahe mu gahanga muri iyi nzira, kandi mu gihe Trump yotsindwa, ashobora guhagarikwa kuzongera gusubira kwitoza.

Ejpo ku wa gatanu, aho yari ari ku kibuga ciwe ca Golf muri florida, umunyamakuru wa Washington Examiner yaregereye Trump.

Uyu yahoze ari umukuru w'igihugu yabajijwe integuro ziwe za kazoza. Yabwiye uyu munyamakuru ati: "Tuzokora akantu, ariko ntiharagera".