Tanzania: Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yatanguye urugendo rwo guhimiriza impunzi guhunguka

Ahavuye isanamu, WizarayaMamboyaNdani
Amakuru atangazwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzania amenyesha ko ubwo bushikiranganji butanguye urugendo rw'iminsi itanu mu ntumbero yo guhimiriza impunzi ziri mu makambi ya Kigoma, Tabora na Katavi gutahuka.
Kuri uno wa Mungu igenekerezo rya 16/08, umushikiranganji George Simbachawene niho yashika mu ntara ya Kigoma ari kumwe n'umukuru w'igisata kijejwe impunzi muri ubwo bushikiranganji aho vyitezwe ko azongendera amakambi ya Nyarugusu, Nduta na Mtendeli.
Kuva u Burundi bwikukira, Tanzania yamye yakira impunzi z'Abarundi zagiye zihunga indyane za politike zakurikiye uko imyaka yagiye iragenda, abaheruka bakaba ari abahunze mu 2015.
Ubwo buhikiranganji bumenyesha ko urugendo rwa Bwana Simbachawene ruzomushikana mu "ntara za Kigoma, Katavi na Tabora, intumbero kukaba ari uguhimiriza impunzi gutahuka mu gihugu cabo".
Ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter rw'ubwo bushikiranganji ntibuvuga impunzi zihimirizwa izo ari zo, ariko, uretse ikambi ya Nyarugusu icumbikiye Abarundi hamwe n'abakongomani, ayandi makambi yose azogenderwa ni ay'Abarundi.
Amakambi ya Nyarugusu muri District ya Kasulu, Nduta muri District ya Kibondo hamwe na Mtendeli muri district ya Kakonko acumbikiye impunzi z'Abarundi bahunze indyane za politike zadutse mu 2015, ari zo cane cane zikunze kuvugwa.
Gushika ku wa 30 z'ukwa gatandatu, ishami rya ONU ryitaho impunzi mu Burundi rimenyesha ko ryari rimaze kwakira abahunguka bava muri Tanzania bashika 87.194.
Hagati aho, ibitigiri bigenda vyiyongera kuko kuva ico gihe babandanya bahunguka nk'uko vyama bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati n'umutekano bw'u Burundi.

Ahavuye isanamu, BurundiMIDCSP
Muri ino ndwi imwe gusa, ubu bushikiranganji bumenyesha ko bwakiriye abashika 791 bo mu miryango 297 bahungutse bava muri Tanzania.
Hampande y'ayo makambi ari mu ntara ya Kigoma, hari amakambi ya Katumba na Mishamo mu ntara ya Katavi iri mu bumanuko bushira uburengero, hamwe na Ulyankulu mu ntara ya Taboram, nayo nyene azongenderwa.
Aya ahurikiyemwo impunzi zahunze ubwicanyi bwo mu 1972 bukunze kuvugwa cane muri kahise k'u Burundi.
Bamwe muri izi mpunzi zidakunzwe kuvugwa cane bashika 162.000 bahawe ubwenegihugu bwa Tanzania, hari mu mwaka wa 2014.
Igihe ashikirizwa amabanga yo kurongora igihugu, umukuru w'igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yarateye akamo Abarundi bahungiye hanze ko botahuka bakifatanya n'abandi Barundi kwubaka igihugu.
Hampande y'izi mpunzi ziri muri Tanzania zibandanya zihunguka, vyitezwe ko n'abandi bahungiye mu Rwanda nabo batangura guhunguka.
Ni inyuma y'aho ku wa kane w'iyi ndwi inama yahuje intumwa z'u Rwanda n'u Burundi hamwe na HCR ku kibazo c'impunzi z'Abarundi ziri mu Rwanda zishaka gutaha bumvikanye ko igice ca mbere c'izi mpunzi zigiye gutahukanwa mu kiringo kitarenga indwi zibiri ziri imbere.










