USA isaba ko amategeko y'ubwogero yoroshwa kubera imyidogo ya Trump ku mishatsi yiwe

Trump avuga ko imishatsi yiwe itegerezwa kumera neza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Trump avuga ko imishatsi yiwe itegerezwa kumera neza

Leta ya Amerika isaba ko imitwe y'imiringoti isohora amazi mu bwogero isubirwamwo kugira ngo irekure amazi menshi, ni inyuma y'imyidogo ya Perezida Donald Trump ku bijanye n'isuku ry'imishatsi yiwe.

Mw' itegeko ryo mu 1992, imitwe y'iyo miringoti muri Amerika ntiyemerewe gutanga ilitiro zirenga 9.5 ku munota.

Izi mpinduka zasabwe n'ibiro vya Amerika bijejwe amasoko ntanganguvu ejo ku wa gatatu inyuma y'imyidogo ya Trump mu kwezi guheze.

Trump ati: "Rero ugiye kwoga - urugurura kugira woge, amazi ntasohoke. Urashaka gukaraba, amazi ntasohoka. None woca ukora iki?

"Umara umwanya muremure uhagaze canke ukoga umwanya muremure? Kuko umushatsi wanje - sinzi kuri wewe - ariko utegerezwa kuba umeze neza. Umeze neza!"

Andrew deLaski, umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe rishinzwe kubungabunga amasoko ntanganguvu, (Appliance Standards Awareness Project ), avuga ko iyo myidogo ari "ubusazi".

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ati: "Ukoresheje imiringoti ine canke itanu, urashobora gusanga ukoreshejeje amalitiro hafi 38 canke hafi 57 ku munota, uriko uroga gusa".

Yongeyeko ati: "Nimba perezida akeneye ko tumufasha kuronka ubwogero bwiza, dushobora kumwereka imbuga ngurukanabumenyi zimwe zimwe zikomeye z'abaguzi zishobora kumufasha gutahura umutwe mwiza w'umuringoti usohora amazi mu bwogero utuma woga neza mbere utanga n'amazi menshi".

David Friedman, icegera c'umukuru w'ishirahamwe rirengera inyungu z'abaguzi, Consumer Reports, avuga ko ubwogero muri Amerika busanzwe bwarageze "ku rwego rwo hejuru rushimishije ku bakiriya", mbere bakanaziganya n'amafaranga.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko iki cipfuzo ca Trump gishobora gushika no mu butungane mu gihe cobandanya.