Nigeria: Abana batandatu bapfuye bahitanywe n’ikibombe

Nigeria

Igipolisi ca Nijeriya kimenyesha ko abana n'imiburiburi batandatu bapfuye bahitanywe n'ikibombe, abandi nabo batanu barakomereka.

Ivyo vyabaye ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu mu ntara ya Katsina isanzwe ari yo mavuko y'umukuru w'ico gihugu.

Ibitero vya bombe muri iyo ntara ni ibintu bitari bimenyerewe cane.

Amakuru atangwa n'igipolisi muri iyo ntara avuga ko ico kibombe caturikiye mu karere kitwa Yammama igihe abana bagitora bagisanze mu murima w'umuntu, bagatangura kugikinisha batakizi.

Abo bana bari hagati y'imyaka icenda na cumi n'ibiri, batanu muri abo batandatu bapfuye bose bava mu muryango umwe.

Ntibiramenyekana ingene ico kibombe cashoboye gushika mu murima w'umuntu, abategetsi bavuga ko bariko bakora amatohoza.

Umuhari Boko Haram ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu umenyereye ukora ibitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Hagati aho, uburaruko bushira uburengero bw'ico gihugu nabwo nyene burageramiwe n'ibitero vy'imirwi y'inkozi z'ikibi yitwaje inkoho, inyuruza abantu igasaba amafaranga kugira ibarekure, ikongera ikanyaga n'ibitungwa.

Ariko ibitero vya bombe ni ibintu biba gake cane muri ako karere.