Mary Jackson: NASA igiye kwitirira icicaro cayo umuhinga w’umwiraburekazi

Ahavuye isanamu, AFP
Ikigo kijejwe ingendo zo kwiga ikirere NASA kigiye guhindura izina ry'icicaro caco kicitirire umuhinga m'umwiraburekazi wa mbere, Mary Jackson.
Uwurongoye NASA Jim Bridenstine avuga ko Jackson yafashije cane mu gukuraho inzitizi ku banyamerika bakomoka muri Afrika n'abagore mu biraba ubuhinga.
Amakuru ya Mary Jackson yavuzwe mw'ireresi yasohotse mu 2016 yiswe Hidden Figures (Abantu banyegejwe).Yari yavukiye ahitwa Hampton mu ntara ya Virginia, asandaba mu 2005.
Mu mwaka uheze, NASA yaritiriye ibarabara riri hanze y'ikigo cayo Hidden Figures Way.
Mw'itangazo yasohoye, Bridenstine yavuze ati: "Ntibakinyegejwe, tuzobandanya kwibuka intererano y'abagore, Abanyamerika bakomoka muri Afrika, hamwe n'abandi bantu b'amamuko yose bitanze kugira ngo ibikorwa vya NASA vyo kwiga ikirere bishoboke".
"Mary W Jackson ni umwe mu murwi w'abagore bakomeye cane bafashije NASA kugira ngo ishoboze abahinga b'ikirere ba Amerika gushobora kuzunguruka mu kirere".
"Mary ntiyigeze yemera ko ibintu biguma uko vyari biri, yarafashije gukuraho inzitizi arugururira inzira Abanyamerika bakomoka muri Afrika hamwe n'abagore mu gisata c'ubuhinga".
Iyo ngingo ije inyuma y'aho Abanyamerika bakubise agatima mpembero bakihweza akarenganyo Abanyamerika bakomoka muri Afrika bakorewe kuva kera.
Urupfu ruheruka rw'umwirabure George Floyd yapfiriye mu gasho k'igipolisi rwatumye haba imyiyerekano kw'isi yose basaba ko ivanguramoko riranduranwa n'imizi.
Mu myaka ya 1940, NASA niho yatanguye guha akazi abagore b'Abanyamerika bakomoka muri Afrika bakoreshwa nk'ico bise "inyabwonko-muntu" (Human computers), ariko bakaba bagiye bahura n'ibibazo vy'ivangura rishingiye ku rukoba no ku gitsina.
Mary Jackson yahawe akazi mu 1951 n'ikigo National Advisory Committee for Aeronautics cagiye huginduka kikitwa NASA mu 1958.

Ahavuye isanamu, Reuters
Yatwarwa na Dorothy Vaughan - nawe nyene yavuzwe muri ya reresi Hidden Figures - mu gisata cakoramwo abahinga mu biharuro bakoreshwa 'nk'inyabwonko-muntu' mu karere ka Langley k'intara ya Virginia.
Jackson yapfuye mu 2005 akaba yararonkejwe ikidari c'inzahabu gihabwa ibihangange vy'itavye Imana.
Umukobwa wiwe, Carolyn Lewis avuga ko ari iteka rinini ku muryango kubona NASA ibandanya kwibuka iragi rya Mary Jackson.
Ati: "Yari umuhinga, umugiraneza, umugore, nyina w'abana akaba n'intwari yaciriye inzira abandi ibihumbi n'ibihumbi vyatumye bagira ico bashitseko, atari muri NASA gusa, ariko n'ahandi hose mu gihugu cose".










